Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mugamba : Imbuto y’ibiraya yitwa ’’VICTORIA’’ irashimisha abarimyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Mugamba : Imbuto y’ibiraya yitwa ’’VICTORIA’’ irashimisha abarimyi

Mugamba : Imbuto y’ibiraya yitwa ’’VICTORIA’’ irashimisha abarimyi

mercredi 22 Nzero 2014

Inyigisho zitangwa n’abigisha bindimo ku misozi itandukanye harimwo n’umusozi wa Vyuya muri komine ya Mugamba, bituma umwimbu wa bimwe mu biterwa uba mwiza nk’uko bishikirizwa na Anicet Niyongabo umunyagihugu wo mu Vyuya vya Mugamba.

Anicet Niyongabo akaba amenyesha ko gukoresha imbuto zirobanuye co kimwe no gukurikiza impanuro z’abigisha b’indimo, bituma umwimbu urwira. Anicet Niyongabo akavuga ko yatanguye kuja mu burimyi kuva mu mwaka w’1996 inyuma yaho aviriye mu gisagara ca Bujumbura, aho yakora akazi ko gukinjika, mu nyuma akaduga kw’itongo kurima.

Avuga ko uburimyi bw’ibiraya bumutunze, bukamuha amafaranga amutungira umuryango, akawuvuzamwo umuryango wiwe, eka ndetse atibagiye n’amafaranga asigaza amufasha mu bindi nkenerwa. Amenyesha abandi barimyi ko imbuto zose atari izo guteragira, imbuto nziza akavuga ko ari iyirobanuye, kuko ariyo itanga umwimbu kuruta iyo umurimyi apfuye gushira mw’isi kuko hari aho usanga iyo mbuto ifise indwara, ivyo navyo bigatuma ivyo wateye bica biyongera mu kuzimu. Imbuto uyo murimyi ateragira yitwa Victoria, akavuga ko yera inyuma y’amezi atatu, ikaba irwira cane, kuko itanga umwimbu ushimishije. Avuga ko uteragiye ibiro 200 uca wimbura ibiro 800.

Amenyesha kandi ko ivyo biraya bifise akanovera keza mu kanwa, ndetse bigatuma Niyongabo Anicet aca agira abamushorera benshi. Aheraheza amenyesha ko ashimishwa n’ukwo ishirahamwe ry’uburimyi ry’i Kajondi rimukurikiranira imirima, iryo naryo rikaba ritari kure y’uwo musozi wa Vyuya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.