Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara zo gufungura nabi zirabangamiye bamwe mu bana b’i Mutumba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara zo gufungura nabi zirabangamiye bamwe mu bana b’i Mutumba

Indwara zo gufungura nabi zirabangamiye bamwe mu bana b’i Mutumba

mercredi 22 Nzero 2014

Indwara zijanye n’ugufungura nabi zirabangamiye abana n’abavyeyi b’i Mutumba mu ntara ya Bujumbura Rural, ivyo bikibonekeza mu gihe abana batari bake, baherekejwe n’abavyeyi babo, bahabwa n’ikigo c’ababikira imfungurwa zituma indwara ya Kwashi ikira, abamaze kuyirwara.

Nk’uko bamwe mu bavyeyi babitubwiye baherekeje abana babo gufungura ubwoko bw’ibisuguti, n’uguhabwa ifu y’ibiyoba kugira indwara ya kwashi irembeje abo bana igabanuke, bavuga ko umwana umwe canke babiri, usanga barwaye mu mihana imwe imwe, yaho muri Bujumbura Rural. Abavyeyi b’abo bana bakaba bavuga ko inzara yateye bivanye n’ukwo imyumbati n’ibitoke aho muri iyo ntara ya Bujumbura Rural vyatewe n’indwara, bica birahona, ikindi kandi, akaba ari intambara ihitiye, iyo nayo ikaba yasize iyo ntara mw’iheruheru ry’ingorane zitandukanye.

Umubikira akurikirana ibijanye n’izo ndwara aho i Mutumba, Mama Filote Nduwamungu, akaba yavuze ko abanyagihugu bafungura nabi, mu gihe imfungurwa y’ubutsima n’imboga (irengarenga) ariyo gusa usanga abanyagihugu bamazeko igihe, ivyo bigatuma indwara zijanye n’ugufungura nabi zifata abana ndetse n’abavyeyi babo, mu gihe abo banyagihugu badashoboye gufungura ubwoko bwose bw’imfunguro arizo ndemamubiri, ntanga nguvu na nsanganyangaburo.

Uyo mubikira, akaba yavuze ko abavyeyi baheza bagahabwa inyigisho zo gufungura neza, bagafungura imfungurwa yuzuye, kugira amagara yabo n’ayabana babo ntiyononekare. Mama Filote Nduwamungu akavuga ko izo nyigisho zifasha, kuko igitigiri c’abarwaye ingwara ya kwashi kiriko kiragabanuka.

Muganga Filote Nduwamungu

Aristide Nizigire

Messages

  • Ndabira abo bana ingene bameze amahera akajanwa kwubaka ibibuga vy umupira! bizokinirwako N’imizimu?Ewe Burundi waragowe!Tabara Mana tabara!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.