Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mwaro : Gabriel Ntisezerana yarahaye agashimwe abarimyi-borozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Mwaro : Gabriel Ntisezerana yarahaye agashimwe abarimyi-borozi (...)

Mwaro : Gabriel Ntisezerana yarahaye agashimwe abarimyi-borozi b’akarorero

mercredi 17 Mukakaro 2013

Umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yaragize urugendo ku munsi w’ejo rwamushikanye mu ma komine ya Gisozi na Nyabihanga zose zo mu ntara ya Mwaro, ku musi wa kabiri w’iyi ndwi.

Intumbero y’urwo rugendo kukaba kwari ugutera intege umurimyi-mworozi w’akarorero yatowe muri izo komine uko ari zibiri.
Umukuru w’inama nkenguzamateka akaba yari yaje yitegekanije akaganuke kuri abo barimyi borozi, aho umwe wese yamuhaye inyana. Yaciye aboneraho akaryo ko gutumirira abanyagihugu bo ngaho i Mwaro gukurikiza akarorero k’abo borozi.

Igihe yashika ngaho i Mwaro kw’ibarabara rya Bujumbura-Matana, umukuru w’inama nkenguzamateka, aherekejwe n’abandi bakenguzamateka yakiriwe na buramatari w’intara ya Mwaro Jean Polidor Ndayirorere.

Umukuru w’inama nkenguzamateka akaba yabanje kuja muri komine Gisozi hama mu nyuma aja muri komine Nyabihanga.Yaratembereye imirima hamwe n’ubworozi bw’abarimyi borozi b’akarorero batowe muri izo komine uko ari zibiri. Aho hose abo borozi uko ari babiri bakaba umwe wese yaronkejwe inyana y’inka aho hari hakoraniye isinzi ry’abanyagihugu ryaje kwakira uwo mukuru w’inama nkenguzamateka.

Muri ayo ma komine uko ari abiri, umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana akaba yaciye atera akamo abo banyagihugu bo ngaho ko intumbero y’urugendo rwiwe muri iyo ntara ya Mwaro ari kuza baraduga kenshi nk’uko basanzwe banabikora mu zindi ntara kugira baze barahura kenshi n’abo baba barabatoye.Yaciye amenyesha ko yaduganye n’abandi bakenguzamateka kandi ko bagiye kumara imisi itatu ngaho mu ntara ya Mwaro. Harateguwe n’ibiganiro n’abahanuzi b’amakomine ku vyerekeye amahoro, umutekano hamwe n’izindi ngorane zisanzwe ziri muri iyo ntara.

Umukuru w’inama nkenguzamateka akaba yabandanije amenyesha ko Leta y’Uburundi ishigikiye uburimyi hamwe n’ubworozi, ko ari naco gituma atera intege abo barimyi n’aborozi b’akarorero mu kubaha udushimwe. Yaciye atumirira abanyagihugu b’i Mwaro guhindura ingendo kugira biteze imbere batibagiye gukurikiza akarorero k’abo barimyi borozi bahawe agashimwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.