Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela niwe yamenyekanye gusumba abandi bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Nelson Mandela niwe yamenyekanye gusumba abandi bose

Nelson Mandela niwe yamenyekanye gusumba abandi bose

mardi 24 Kigarama 2013

Abantu bapfuye mu mwaka w’i 2013 bamenyekanye cane kw’isi kuruta abandi

Nzero

Igenekerezo rya 15 : NAGISA OSHIMA w’imyaka 80, uwo yari azwi cane muma reresi yakunzwe nka "L’Empire des sens" hamwe na "Furyo".

Ruhuhuma

Igenekerezo rya 27 : STEPHANE HESSEL, w’imyaka 95, uwo yahoze atavuga rumwe na Reta y’Ubufaransa, yari azwi cane kubera imirwi myinshi yo kw’isi yisunga ivyiyumviro vyiwe vyo guhakana ibitagenda neza.

Ntwarante

Igenekerezo rya 5 : HUGO CHAVEZ w’imyaka 58, yahoze ari umukuru w’igihugu ca Venezuela kuva mu mwaka w’1999. Uwo yafatwa nka samurarwa wa Fidel Castro, yahitanywe n’urupfu rw’akarago, ruvuye ku ndwara ya cancer, inyuma y’amezi make asubiriye gutorwa.

Muri uko kwezi nyene, igenekerezo rya 14 : IENG SARY, imyaka 87, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Cambodge yava mu murwi w’aba «khmers Rouges». Yapfuye aheruka gucirirwa urubanza, yagirizwa ihonyabwoko n’ayandi mabi.

Igenekerezo rya 21 : PIETRO MENNEA, imyaka 60, yari umunonotsi wo mu gihugu ca Ethiopiya, yiruka imetero 200, mu mahiganwa y’isi yabaye mu mwaka w’1980 yabereye mu Burusiya mu gisagara ca Moscou. Uwo yamaze imyaka 17 ari uwa mbere kuri izo metero.

Ndamukiza

Igenekerezo rya 8 : MARGARET THATCHER, imyaka 87,umushikiranganji wa mbere w’Ububirigi kuva mu mwaka w’1979 gushika 1990, bamutazira «Umugore w’indyamunyu».

Igenekerezo rya 9 : ZAO WOU-KI, imyaka 93, yari umuhinga karuhariwe mu gusikura yavukiye mu gihugu c’Ubushinwa ariko ahabwa akabira ko mu Bufaransa.

Rusama

Igenekerezo rya 6 : GIULIO ANDREOTTI, imyaka 94, yatowe incuro 7 kuba umuhanuzi w’umukuru w’igihugu c’Ubutaliyano, azwi cane nk’umuntu yaharariye poritike y’ico gihugu inyuma y’intambara y’isi ya kabiri.

Igenekerezo rya 17 : JORGE VIDELA, imyaka 87, yari azwi cane ku ntwaro y’umukazo yiwe, mu gihugu ca Argentine, Yapfuye yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose kubera amaraso y’abene gihugu yasheshe igihe yari umukuru w’igihugu kuva «1976 - 1981» .

Ruheshi

Igenekerezo rya 6 : ESTHER WILLIAMS, imyaka 91, yahoze ari uwa mbere mu nkino zo gusiganwa mu kwoga mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika, yaciye yinjira mu murwi w’ibihangange vyo mu gisagara ca Hollywood, hari mu myaka y’1940 na 1950, azwi cane kubera ubuhinga yari afise mu kwoga.

Mukakaro

Igenekerezo rya 2 : DOUGLAS ENGELBART, imyaka 88, uwo muhinga niwe yatoye ka kantu bakoresha ku nyabwonko bita «souris», wewe mu ntango yagakoze mu rukiramende rukoze mu giti.

JPEG - 18.6 ko
DOUGLAS ENGELBART

Myandagaro

Igenekerezo rya 9 : LASZLO CSATARY, imyaka 98, yaronderwa cane kubera abayahudi yishe abakuye mu bitaro vy’i Budapest, abo yishe bagera ku 12.000.

Igenekerezo rya 30 : SEAMUS HEANEY, imyaka 74, umwanditsi w’ivyese wo mu gihugu ca Irlande, yaronkejwe agashimwe «Nobel» gahabwa abanditsi mu mwaka w’1995. Yaciye aba uwa mbere mu banditsi bo mu rurimi rw’icongereza muri Irlande.

Nyakanga

Igenekerezo rya 12 : RAY DOLBY, imyaka 80, uwo azwi cane ku vyuma bigabanya amajwi mu mazu y’abatunganya amareresi.

Gitugutu

TOM CLANCY, imyaka 66, umwanditsi w’umunyamerika , niwe kandi yashoboye gutanga amakuru ya mbere y’ibitero vya Al Quaida muri Amerika kw’Igenekerezo rya 11 Nyakanga.

Igenekerezo rya 4 : GENERAL VO NGUYEN GIAP, imyaka 102, uwaharaniye ukwikukira kw’igihugu ca Vietnam, uwo yarashoboye gutsinda intambara y’Abafaransa n’Abanyamerika. Uyu aravugwa cane mu bantu bari bafise imyaka myinshi.

Igenekerezo rya 11: ERICH PRIEBKE, imyaka 100, uyu nawe nyene yari mu baronderwa kubera Abayahudi yishe akabahamba mu gasho ko mu Butariyano.

Munyonyo

Igenekerezo rya 17 : DORIS LESSING, imyaka 94 , yaronkejwe agashimwe ka «Nobel» gahabwa abanditsi, uwo kandi yamenyekanye cane kubera yahakanye ikumirwa rifatiye ku bwoko no ku mai akorerwa abakenyezi.

Kigarama

Igenekerezo rya mbere: PAUL WALKER, imyaka 40, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika azwi cane mu gakino "Fast and Furious", uwo yapfuye ahitanwe n’isanganya ry’umuduga aho yari avuye gutanga imfashanyo ku bantu bo mu gihugu ca Phillipines baciweko n’igihuhusi.

JPEG - 235.9 ko
PAUL WALKER

Uwa nyuma yapfuye mu mpera z’uno mwaka, ariko afatwa nk’uwa mbere, ni umuhisi isi yose yunamiye, Nelson Mandela, yitavye Imana kw’igenekerezo rya 5 Kigarama. Uwo ni imfura yarwanije intwaro ya karyanishamiryango «apartheid». Yararonkejwe n’agashimwe k’uwaharaniye amahoro, kandi yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure muri Afrika y’epfo.

JPEG - 197 ko
Nelson Mandela

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.