Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Abarimyi bahanurwa kureka gukoresha imiti ya magendo iva mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ngozi : Abarimyi bahanurwa kureka gukoresha imiti ya magendo iva mu (...)

Ngozi : Abarimyi bahanurwa kureka gukoresha imiti ya magendo iva mu Rwanda

mardi 14 Nzero 2014

Umwimbu w’agatasi na cane cane ku biharage wifashe neza mu ntara ya Ngozi, naho hari indwara yafashe ibiharage ku mutumba wa Rwabiriro muri komine Mwumba, mbere bakazoshobora no kuronka ibice 10 kw’ijana vy’umwimbu bari babuze ku mpeshi, nk’uko bimenyeshwa n’umuyobozi ajejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Ngozi Déogratias Ndagijimana.

Yamenyesheje ko iyo ndwara yafashe ibiharage mu gihe biba bigira bizane imikerera ari nk’ingese zifata amababi y’ibiharage, bigatuma igiharage kidasubira guhema neza gutyo bigaca bitangura kwuma kuko bidasubira no gukwega ivyunyunyu bikeneye mu kuzimu. Aho rero yamenyesheje ko bakoresheje umuti utariw,o bishoboka ko waciye uvyunyura kuko bakoresheje uwo gupompa ibifushi kw’ikawa, aho gukoresha imiti iri mu bwoko bw’ivyo bita mu gifaransa “fongicide” ivura iyo ndwara.

Nk’uko ikinyamakuru UBUMWE kivyandika, vyaciye rero vyumana imikerera kuko idasubira kujamwo intete. Amenyesha ko n’iyo miti bayicanga n’amazi mu kuyikoresha, kuko ari ifu kandi bategerezwa kwubahiriza ukugene bawuvanga n’amahegitari bawukoreshako. Bisubiye, iyo miti barayifise mu bushinguro. Avuga kandi ko, ikintu kimaze kumugaza abarimyi begereye igihugu kibanyi c’Urwanda, ari uko bagura imiti ya magendo ivuye mu gihugu kibanyi c’Urwanda batabajije ko iyo miti bakeneye ku ndwara iyi canke iriya iriho mu buyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara, kandi mu bushinguro baba bayifise.

Yamenyesheje ko abarimyi babahanura kudakoresha imbuto imwe mu gihe c’imyaka ine canke itanu kuko iba yatitutse. Babahanura kandi kwitura ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi hakiri kare mu gihe babonye hari indwara yadutse hanyuma bikabazazanira, ntibayimenye canke ngo bamenye umuti bakoresha. Yamenyesheje kandi ko hari n’abagura imbuto zivuye ahandi canke ifumbire kandi batabanje kubaza, kuko hari nk’imbuto z’ibigori ziva mu Buganda canke muri Kenya zituma abandi barimyi badasubira kwimbura ibigori vyabo bica biba ibihumbwa. Aho rero babahanura gusaba imbuto mu buyobozi bw’uburimyi mu ntara aho kwirukira ivya gusa bahabwa rimwe na rimwe n’amashirahamwe azana imbuto z’ibivange zituma uguma ugurira imbuto iyo wazikuye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.