Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi: Imvura yacitse kare yatumye umwimbu w’impeshi utaba mwiza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ngozi: Imvura yacitse kare yatumye umwimbu w’impeshi utaba mwiza

Ngozi: Imvura yacitse kare yatumye umwimbu w’impeshi utaba mwiza

mardi 3 Nyakanga 2013

Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Ngozi Déo Ndagijimana, amenyesha ko bariko baritegurira irima ry’agatasi kugira barabe ko umwimbu woba mwiza gusumba uwo ku mpeshi, kuko wowo utabaye neza nk’uko bavyipfuza, biturutse ku mvura yacitse hakiri kare.

Ahamagarira abanyagihugu ko batokwihutira gusohora imbuto ngo ni uko babonye akavura kaguye, ariko ko botenyenya bakarindira akamo ababijejwe bazobatera. Nayo ku bijanye n’ingorane iyo ntara y’uburimyi n’ubworozi ifise, avuga ko ari iyo ngorane iva ku mwimbu uba muke mu gihe iyo ntara ifise abantu benshi bo kugaburira, hanyuma urwaruka narwo rugahurumbira ibisagara, ku buryo mu misozi hasigara abatama n’abatamakazi, badashobora kurima kugira bagaburire abasigaye.

Deo Ndagijimana avuga ko umuti ari ukwijukira ibigwati kugira isi ndimwa ishobore kwongerekana. Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Ngozi akaba abandanya avuga ko umwimbu w’impeshi utabaye mwiza, kubera izuba ryatse mu kwezi kwa Ntwarante, abarimyi bageze guteragira bica bituma bacererwa ku buryo abenshi bateragiye mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza. Ikirere rero ngo nticagenze neza kuko imvura ya nyuma mu ntara ya Ngozi yaguye igenekerezo rya 11 Rusama kandi nta yindi yari bwasubire. Abateye ibiharage atari ibiremberwa ni bo bashoboye kuronka bikeyi. Abandi novuga ko ata mwimbu baronse ni abarimye ibiraya kuko navyo nyene bitaronse imvura ikwiye. Naho biri ukwo, Ndagijimana avuga intara ya Ngozi idafise inzara cane, ariko ko umwimbu udashemeye rwose, avuga ko hashobora kuba utugorane kuko umwimbu umuntu awurabira ku masoko. Iyo rero ibintu bizimvye uca ubona ko umwimbu atari mwinshi.

Asaba abarimyi ko bobanza gutenyenya bakaraba neza ko imvura itazosubira hejuru. Ntibokwihuta rero barateragira, ahubwo borindira akamo tuzobatera kugira babone gusohora imbuto. Ariko rero naho basabwa gutenyenya, imbuto zozo boba barazitegura kugira batewe akamo ntibasubire guta umwanya bace bateragira.


Nizigire Aristide

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.