Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni gute umuntu yokwigenza mu gihe arwaye indwara zidakira? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ni gute umuntu yokwigenza mu gihe arwaye indwara zidakira?

Ni gute umuntu yokwigenza mu gihe arwaye indwara zidakira?

mercredi 17 Mukakaro 2013

Indwara ni indwara imwe muzidakira. Diabete ni indwara y’igisukari. Abantu bashobora kuyigwara bivuye ku bintu bitandukanye. Hari abayivukana, hari abayigwara bamaze gukura bivuye kuvyo bafungura n’abandi bayirwara kuko ari indwara y’akaronda mu muryango wabo.

Abantu bamaze kumenya ko bayirwaye, akenshi barihebura kuko ari indwara igoye gukira kandi ko ifise n’inkurukizi mbi zitari nke. Ariko, kugwara indwara igoye gukira nka diabete, SIDA, kanseri, n’izindi ntibisigura ko ubuzima buba buhagaze, ahubwo umuntu yoca yiga ingene yokwigenza kugira imyaka yo kubaho yongerekane.
Mushobora kuvuga ko bigoye kwihanganira kumenya ko urwaye indwara idakira, ariko uyo ufashe ingingo yokwigenza neza, ubuzima burabandanya uko vyamye.

Hari impanuro zitandukanye zimwe zimwe dusanga ku murongo ngurukanabumenyi More Sharing Services. Umuntu agwaye indwara idakira ashobora gukurikiza impanuro mu gihe yipfuza kuramba. Izo nazo ni nkizi :

Iyo umuntu asanze arwaye indwara ya diabete, ica mbere ni ukwiyegereza umuganga, agume amukurikiranira hafi, kuko hari igihe bisaba ko baza baramutera inshinge, kuraba aho urugezo rw’isukari rugeze.

Gukurikiza gufata ibifungurwa bisabwa ku bagwayi ba diabete, ni ngombwa cane kugira umubiri ntubandanye usinzikara. Ku bijanye n’ibifungurwa bisabwa ku barwayi ba diabete, ibirimwo isukari ni ngombwa ko babigabanya bishoboka ko babihagarika bakabigira, aho twovuga nk’ibiraya, umuceri, imyumbati,n’ibindi bisosa. Ariko, navyo nyene ntibisigura ko babiheba burundu kuko hari ivyunyu umubiri uba ukeneye, dusanga muri ivyo bifungurwa, ari naco gituma bisabwa kwigerera bakicungera urugezo rw’ivyo bafungura.

N’ubwo bitoroshe kenshi ni ngombwa gukora imyimenyerezo yo kwinonora imitsi iminsi yose, n’imiburiburi gutambuka n’amaguru iminota 30 ku munsi. Ivyo navyo bishobora gukorwa mu mice itandukanye, kw’ukwiruka, kwoga mu mazi, gutambuka unyaruka, n’ibindi nk’ivyo.

Iyo binonoye imitsi, haba uturusho dutandukanye, nk’akarorero, ibiro biraja ku gipimo gikwiye, ukwinonora imitsi birashira ku murongo umurwayi wa diabete kurusha mbere niyo afashe imiti.

Hari ikindi gikunze kuba mu gihe abantu basanze barwaye indwara idakira; baca bata umunezero ukamenga ubuzima buca buhagararira aho nyene. Ariko, abarwayi bamenye uburyo bavyifatamwo, nta gihinduka kinini ku buzima bari basanzwe bafise imbere yuko barwara.

Impanuro nziza bokwama bakurikiza, n’ukugumana ivyizigiro n’umunezero kuko iyo bihebuye bakagumana ubwoba n’amaganya, bishobora gutuma uburemere bw’indwara bwongerekana.

Kugira umunezero no kwama utwenga, bikingira indwara zitari nke. N’ubushakashatsi mu bijanye n’amagara y’abantu burerekana ko iyo umuntu atwenze agaragaza ko mu buzima bwiwe bigenda neza, ikindi naco bituma yongerereza imyaka yo kubaho eka mbere izo ndwara zidakira, ibice vyayo biragabanuka iyo umuntu yahisemwo kugumana umunezero n’ivyizigiro.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.