Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni kuki bishitse umuntu akayura aca yandukiza abo barikumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ni kuki bishitse umuntu akayura aca yandukiza abo barikumwe

Ni kuki bishitse umuntu akayura aca yandukiza abo barikumwe

jeudi 17 Nzero 2013

Abantu benshi baribaza igituma iyo umuntu yayuye abo barikumwe baca bafatwa n’ukwayura nabo.Mbere vyatumye bamwe bavuga ko iyo umuntu umwe yayuye yandukiza muri uyo mwanya abantu indwi bose,noneho bamwe bati « kwayura n’’indwara yandukira».

Ariko kwayura n’ibintu bishika utabiteguye kandi si abantu bayura bonyene,ngo n’ibikoko birayura ;ntawe vyotera amakenga rero kiretse iyo umuntu aguma yayura ku mwanya ku mwanya.

Kwayura ngo n’ugukangura ubwonko iyo businziriye canke burushe,ivyo bikaba biri mu vyigwa vyakozwe n’uwakurikiranye ibijanye n’inyifato.Umuntu rero ashikirwa no kwayura iyo arushe ,afise itiro ashonje,yamaze umwanya yicaye nabi mu modoka,iyo yatakaje amaraso menshi,n’ibindi.

Ivyo bigatuma ubwonko bugabanya inguvu zo gukora,arico gituma umuntu acayasama cane,akayaga kakinjira mu mubiri wiwe,ivyo bigatuma ubwonko busubira gukora neza,kandi no ku bikoko ngo bigenda gutyo nyene.

Igitangaje rero kandi gitera ibibazo n’uko nkuntu umuntu yayura agaca yandukiza abo barikumwe,muti vyoba biterwa n’iki ?
Ngo n’ikintu umuntu wese avukana.Abemera ko umuntu yavuye mu gikoko mu ku bisigura bavuga ko ari ibintu vyadukurikiranye biva mu nkende , inkoto n’imanfu ngo kuko biri mu mugwi umwe n’abantu ,ngo akaba ari navyo abantu bamukako.

Ngo ivyo bikoko bikaba vyayura iyo bigomba gutangura gukora ikintu canke iyo igikoko kivuye ahandi hantu kigarutse mu bindi gica cayura kugira cerekane ko kinezerewe no kugaruka mu mugwi w ‘ibindi.

Ku bantu rero ngo iyo umuntu yayuye n’abandi bakayura,n’ikimenyetso cerekana ko wifatanije nawe mu buruhe,ubu babare canke uko yiyumva muri uyo mwanya,mu majambo make n’ugusangira nawe ibishobisho afise muriwe,ariko rero n’ibintu biri muri kamere k’abantu,iyo kamere nayo ikaba ihamagarira umuntu kubana no gusangira n’abandi,ariko ni ikimenyetso gitangaje kuko bishika umuntu atabiteguye,atan’ivyo azi. .
Kwayura kuko uwundi yayuye rero ngo bifitaniye isano no kugira ibishobisho , kuko iyo ubonye umuntu yayuye,wunva umenga umufitiye impuwe,kandi ngo n’ikimenyetso ko uba witayeho uwo muri kumwe.

umuntu akaba yovuga ko ari ikintu ciyadukiza mu muntu kuko haba hari inguvu zimusaba kwifatanya n’uwundi ziba ziriko zirakora muri we ariko mu buryo butaboneka.


Marie Claire Ingabire

Messages

  • Izo nsiguro batanga ntizinyuze ariko ico nobabwira nuko iyi article mpejeje kuyisoma nayuye nka 10 au moins. None n’ifatanije niyi article canke na Mariya Karara yayanditse?Ico nzi nuko nayisomye ndushe mugabo imbere yo kuyugurura sinari nigeze nayura.Reka ngeze ngaha kuko impwemu nzohava zimperana kuko nguma nayura

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.