Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Niger : Impunzi ibihumbi 25000 zibayeho mu buzima budasanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Niger : Impunzi ibihumbi 25000 zibayeho mu buzima budasanzwe

Niger : Impunzi ibihumbi 25000 zibayeho mu buzima budasanzwe

jeudi 7 Rusama 2015

Impunzi ibihumbi 25000 zo mu mazinga yo mu kiyaga ca Tchad zirafise ubwoba bw’ibitero bishasha Boko Haram ishobora kubagirako, eka n’ubuzima zibayemwo mu makambi buteye agahinda.

Izo mpunzi zahungiye mu makambi yo mu Bubanuko bushira Uburengero bwa Niger si bwiza namba. Nk’uko ibiharuro ONU itangaza, impunzi ibihumbi 25000 nizo zaraye zitaye ingo zabo, zigana ibisagara vya N’Guigmi na Bosso kuri uyu wa 5 Rusama uwu mwaka. Niho abandi ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu, bari baraye bashitse ahonyene muri ayo makambi yo mu Bumanuko bwa Niger atari kure cane ya Tchad. Ivyo biremezwa n’urwego rujejwe kwakira impunzi ngaho nyene.

Tubibutseko mu mpera z’ukwezi guheze Reta ya Niger yahamagariye abantu bose baba muri ayo mazinga, gukinjura kuko muri ico gice, ubuzima bugoye nta mazi, umuyaga mwinshi, aho kwikinga agatutu n’ibindi, kandi ubu Reta yatanguye gutanga vyankenerwa mu gice ca N’guigmi isanzwe ibitse impunzi zishika ibihumbi cumi na bibiri.


Bill Nkurunziza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.