Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwirabure n’umuzungukazi bavutse ari amahasa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umwirabure n’umuzungukazi bavutse ari amahasa

Umwirabure n’umuzungukazi bavutse ari amahasa

mercredi 4 Ntwarante 2015

Lucy na Mary Aylmer ni abakobwa b’imyaka 18 bavutse ari amahasa, mugabo umwe akaba umwiraburekazi uwundi umuzungukazi.

Abantu tumenyereye kubona kenshi abana b’amahasa bavuka basa cane, mu gihe bavutse badasa umuntu arashobora kubona ko bavukana canke bafitaniye agashusho gato n’ubwo baba badasa.

Lucy na Mary Almer bobo si uko vyagenze kuko n’ubwo bakuriye mu nda imwe, ntibasa na gato vyongeye, umwe n’umuzungukazi uwundi n’umwiraburekazi. Abo bakobwa baturuka mu gihugu c’Ubwongereza, nta n’umwe asa n’uwundi, umwe wese afise ukuntu ameze.

Abo bakobwa bavuka ku bavyeyi umwe akomoka mu gihugu ca Jamaique ari nyina wabo, Donna Douglas mugabo akaba yakuriye mu gihugu c’Ubwongereza, w’umuzungu aturuka muri ico gihugu. Lucy avuga ko nyina wabo igihe bamuzanira abana yatangaye cane kubona yavyaye abana bafise urukoba rudasa kandi ari amahasa.

Uwo mukobwa yongera avuga ko kuva bakivuka ata muntu yemera ko ari amahasa naho kenshi bambara impuzu zimwe, mbere vyabaye ngombwa ko berekana icemezo co kuvuka (certificat de naissance) kugira abagenzi babo bavyemere ko ari amahasa.

Abo bakobwa bafise abandi bana bavukana mugabo bakaba ari uruvange. Ivyo Lucy akavyishimira avuga ko ashima ko atari uruvange, ari umwirabure kandi na Maria akaryoherwa nawe nyene ko atari uruvange mugabo afise ibara rimwe ry’urukoba ryera.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Reka Imana yitwe Imana, Aceni mungu ayitwe mungu,let god be god. Ibinibintu Imana ikomeza kutwerekako abantubose inkomokoyabo arikuri Adamu na Eva , kudasa bamyebakaba’ abirabure canke abazungu ivyovyose ntamuntunumwe abayarahumanye, harihobamwe babonye umwirabure bacabibazako adashoboye. Akokiramura haraho mbonye gafise ahogasa na prezida Obama wa reta nzunze ubumwe bw’America!

  • mwe ntimwize biologie? Ico mutumva nicahe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.