Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyabihanga : Ivuriro Munago rirakenye aho bakirira abarwayi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Nyabihanga : Ivuriro Munago rirakenye aho bakirira abarwayi

Nyabihanga : Ivuriro Munago rirakenye aho bakirira abarwayi

lundi 19 Myandagaro 2013

Amamatera n’ibitanda ni bimwe mu bikoresho bibuze kw’ivururo ryo mu Minago muri komine Nyakabiga, mu ntara ya Mwaro. Ukwo kubura kw’aho baraza abarwayi nikwo guca kuba intambamyi mu kurwaza abanyagihugu baba bituye iryo vuriro.

Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko kw’ivuriro Munago, ku munsi bakira abarwayi bari hagati y’ijana n’ijana na mirongo itanu. Ikindi kibazo naco kiri kuri iryo vuriro nta vyumba vyo kwakiriramwo abavyeyi baje kwibaruka bihari, bigaca bituma abaje kwibaruka bose bashirwa mu cumba kimwe.

Musitanteri wa komine Nyabihanga yamenyesheje ko kugira ico kibazo c’ibibanza bike kiri kw’ivuriro rya Munago gitorerwe inyishu, abanyagihugu bava mu bucimbiri bugera kuri 6 bwa komine Nyabihanga barafashije mu kwubaka inzu ifise ivyumba bine, biciye mu bikorwa vy’iterambere, iyo ikaba ariyo ntererano bashoboye gutanga.

Igisata kiraba ivy’amagara y’abantu kiri mu Kibumbu naco carafashije mugutanga amamatera ane n’ibitanda bine kw’ivuriro Munago. N’aho ico gisata catanze iyo mfashanyo, abanyagihugu bo muri komine Nyabihanga basaba Leta ko yoronsa amamatera n’ibitanda ivuriro Nyabihanga, gutyo rishobore kwakira neza abarwayi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.