Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS : Abatanga amaraso mu Burundi ni bake cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > OMS : Abatanga amaraso mu Burundi ni bake cane

OMS : Abatanga amaraso mu Burundi ni bake cane

vendredi 14 Ruheshi 2013

Igenekerezo rya 14 Ruheshi uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gutanga amaraso. Muri uno mwaka, icivugo catowe ni : « Uwutanze amaraso aba atanze ubuzima »

Kubw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu,OMS (Organisation Mondiale de la Sante), uyu mwaka bashaka kwerekana akamaro ko gutanga amaraso no gushimira abitanga mu gutanga amaraso ataco barinze gusaba.
Ibikorwa vyo gushimira abo bose bitanze mu gutanga amaraso bikaba biriko bikorwa mu bihugu bigera kw’ijana na mirongo icenda kw’isi yose.

Uno mwaka ukaba ugize uwugira 10 bahimbaza uwo munsi kw’isi yose, aho icivugo ari : «Uwutanze amaraso aba atanze ubuzima ».

Kw’isi yose haharurwa abantu bagera ku miriyoni 92 z’abatanga amaraso ku mwaka. Ariko uburyo atangwa ku bayakeneye ntigutunganijwe neza kuko ibice 50 kw’ijana vy’amaraso ahabwa abantu bo mu bihugu bitunze bagera ku bice 15 kw’ijana. Ibice bigera kuri 85 kw’ijana vy’abayakeneye bagaca baronka ibice 50 kw’ijana vy’amaraso asigaye.

Ivyo biharuro bifise inkurikizi zitari nke kuko abakenyezi bagera ku bihumbi 500 000 bahitanwa ku mwaka n’ukubura amaraso igihe bariko baribaruka. Ibihugu vyo muri Afrika arivyo bibangamiwe cane, bironka imiriyoni 4 z’abatanga amaraso ku mwaka, ku miriyoni 92 z’ababa biyandikishije kuyatanga.

Na hano mu Burundi uwo munsi mpuzamapakungu wahariwe gutanga amaraso wahimbajwe, mu ntara ya Muramvya, igitigiri c’abatanga amaraso kiri munsi y’ico ishiramawe OMS risaba, kuko vyagaragaye ko ku bantu 1000, abatanga amaraso bagera ku bice 5,41, mu gihe OMS isaba igitigiri c’abagera kuri 10. Ivyo bikaba vyemezwa na Lydia Ndorere, umuyobozi w’ikigo kijejewe gutanga amaraso mu Burundi (CNTS), mu ruganda rwari rwateguriwe abamenyeshamakuru.

Uno mwaka, CNTS ikaba yipfuza kwegeranya udusaho tw’amaraso tugera ku bihumbi 50. Mu mwaka uheze, ico kigo caronse udusaho tw’amaraso tugera ku bihumbi 43573 aho ibice 99,99 ari abemeye kuyatanga ataco basavye, nk’uko bibandanya bimenyeshwa na Lydie Ndorere.

Ikigo CNTS (Centre National de Transfusion Sanguine) kikaba gifise ubu ibigo 4 bise CRTS (Centre Regional de Trasfusion Sanguine), bakaba bagamije gutanga udusaho tw’amaraso ku bitaro kugira bashikane n’imiburiburi amaraso incuro zitandatu ku bantu 1000. Urwaruka rugera ku bice 54,51 kw’ijana nirwo rutanga amaraso.
Abantu bayatanga bose hamwe bagera ku bice 65,80 kw’ijana

Ku bibaza ko udusaho tw’amaraso twoba tugurishwa amafaranga menshi ku barwaye, canke kubayakeneye, muganga Lydie Ndorere yamenyesheje ko agasaho k’amaraso kagurishwa amafaranga 5000 gusa, kuko iyaba agurishwa vy’ukuri, agasaho kamwe kogurishijwe ku mafaranga 100 000.

Ikibazo gica kiza aho naho, ni bande barekuriwe kuyatanga? canke hasabwa iki kugira umuntu ashaka kuyatanga ayatange?

Amaraso atanga uwo wese avyipfuza mugabo akwije ibisabwa n’ivyo OMS isaba, ni ukuvuga kuba ufise imyaka iri hagati ya 18 na 70, ukaba ufise n’ibiro 55. Ku bagenewe kuyatanga nabo, abadafise amaraso yanduye nibo bayatanga ariko kubw’iitegeko ryasohotse mu mwaka w’2009, abagabo basambanye n’abandi bagabo, ntibarekuriwe gutanga amaraso kugira barinda imigera ishobora kuba iri mu maraso. N’abagore bibungenze ntibarekuriwe kuyatanga gushika bibaruke, eka n’abarwaye indwara y’igisukari canke barwaye intandara.

Ishirahamwe OMS rihamagarira ibihugu vyose gutanga umuco ku vyerekeye gutanga amaraso, berekane abamaze kuronka ubuzima kubw’uko bahawe amaraso, kugira batere intege abo bose bipfuza kuyatanga na cane cane abakiri bato.

Mwomenya ko uno mwaka Ubufaransa aribwo bwatowe kugira butunganye uyu munsi mpuzamakungu wahariwe gutanga amaraso kw’isi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.