Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS: “Amaberebere ni ngirakamaro ku mwana wese” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > OMS: “Amaberebere ni ngirakamaro ku mwana wese”

OMS: “Amaberebere ni ngirakamaro ku mwana wese”

vendredi 2 Myandagaro 2013

Amaberebere ni kirumara ku magara y’abana bose na cane cane kubatarashikana amezi atandatatu. Kugira bakingire amagara y’abana bakiri bato bongere bakurane amagara meza, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) risaba abakenyezi bo kw’isi yose bokwonsa abana babo kugeza ku mezi atandatu atakindi babahaye.

Guhera kw’igenekerezo 1 Myandagaro kugeza igenekerezo rya 7 Myandagaro, n’indwi yahariwe kwonsa abana kw’isi yose, indwi yashinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, mu ntumbero yo gufasha abakenyezi bose gufungurira neza abana babo kugira bakurane amagara meza. Ibihugu bigera kw’i 170 kw’isi yose bikaba bimaze kwitaba ako kamo. Haraciye imyaka ishika 10, umugambi wo gufungurira abana neza n’abakiri bato ushinzwe n’ibihugu bisanzwe bikoranana na OMS, hamwe n’inama nshingwabikorwa y’ishirahamwe UNICEF, na hano mu Burundi uwo mugambi ukaba warashitseho. Iyi ndwi yahariwe kwonsa abana, ishitse mu gihe bivugwa ko igitigiri c’abana bapfa batarashikana imyaka itanu kiguma ciyongera kubera gufungura nabi.

Evelyne Murerwa, umukenyezi w’umurundikazi akaba n’umuvyeyi asanzwe yonsa, yagize ico avuze kuri ino ndwi yahariwe kwonsa abana. Kubwiwe, ni vyankerwa cane ko abakenyezi bokwonsa abana kugeza ku mezi atandatu, kugira baze bakurane amagara meza. Iyo umwana yonse neza, ntarwaragurika, igihe ageze ku mezi yo gufungura agira akayabagu kenshi, mbere n’ukwo kuntu umwana aguma ari kw’ibere rya nyina bituma haba igishika n’imigenderanire ikomeye na nyina. Ariko, ingorane abakenyezi bo mu bihugu bikenye bakunda guhura nazo, n’uko babura ivyo bafungura, ababironse nabo, bakaronka ibidakwiye, bigaca bituma abura n’amaberebere.

N’abandi bakenyezi bemeje ko kwonsa umwana ari ngirakamaro, eka mbere n’umuvyeyi iyo yonkeje kugeza ku mezi atandatu, bimurinda gusubira kuja m’ubutinyanka kare, aho naho ntaheza atware iyindi imbanyi mu gihe atari mu bihe vy’ugusama. Kw’itohozwa ryakozwe n’ishirahamwe OMS, ibice 40 kwi 100 vy’abana bari munsi y’amezi atandatu kw’isi yose, nivyo vyonyene vyerekana abana bonka kugeza ku mezi atandatu atakindi babavangiye, mu gihe ishirahamwe OMS idahengeshanya guhimiriza kwonsa abana kugeza kuri ayo mezi, bituma abana bakurana amagara meza mbere bakarinda n’uturwara tutari duke.

Kubwa Isabelle Djossa, umuhinga mu vyo gufungura, avuga ko gufungura nabi biri mu bituma amagara y’abantu asinzikara na cane cane abana bakiri bato n’abavyeyi bonsa. Iyo umukenyezi abuze ico afungura canke igihe afunguye nabi kuva ataribungenga gushika yibaruke, ingaruka ni ukwo uwo mukenyezi acamera nk’uwuzingamye, akaba magoyagi, mbere n’umwana yibarutse ntagira amagara meza kuko kuva akiri mu nda aba yarabuze ico afungura. Abandanya avuga ko, iyo umukenyezi afunguye neza na cane cane igihe yibungenze gushika yibaruke, araronka amaberebere, umwana nawe akonka neza gushika mbere no ku mezi atandatu. Ku muvyeyi nawe afise ingorane yo kuronka amaberebere, yahanuye avuga ko, yogerageza gufungura imboga nyinshi n’ivyamwa kugira amaberebere agaruke, kuwo vyanse gose nawe, yoca abangikanya kwonsa umwana n’ukumuha ayandi mata, mugabo bakirinda kumuha amata afise amavuta menshi muriyo kugira ntahave agirira ingaruka mbi umwana.

Ishirahamwe mpuzamakuru riraba ivy’amagara y’abantu OMS, rihamagarira umukenyezi wese gukorera ku kirangaminsi mu kwonsa umwana, n’ukuvuga kwonsa umwana hagati y’incuro 8 na 12. Umwana muto ntakeneye gufungura nk’umuntu akuze, afungura ku mwanya wabigenewe kuko umwana aba agikeneye gukura neza.
Kubijanye n’ingene bo kwonsa umwana naho, ababyeyi bari bakwiye kwicara bagororotse, bakirinda kwunamika umutwe wabo cane, igihe bariko baronsa kugira ntahave azibira impwemu z’umwana. Umwana nawe nukumuterura neza kuburyo ashobora gushikira ibere bitagoranye. Gutyo, umuvyeyi n’umwana bazoheza bagubwe neza bari kumwe bicaye.

Ikindi naco, kwirinda gupfuka cane umwana mu maso mu gihe ariko aronka, kugira ntahave abura aho ahemera, canke ngo amaberenbere amunige mu gihe ariko aronka.
OMS, iteye akamo abakeneyzi bose, kwitabira iyi ndwi yahariwe kwonsa ibibondo, mu ntumbero yofungurira neza abana batarakwiza amezi atandatu no kugira bakurane amagara meza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.