Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS : Indwara y’ubukangwe mu Burundi yarwanijwe ku bice 99 kw’ijana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > OMS : Indwara y’ubukangwe mu Burundi yarwanijwe ku bice 99 kw’ijana

OMS : Indwara y’ubukangwe mu Burundi yarwanijwe ku bice 99 kw’ijana

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Urucanco ni imwe mu nyishu nyamukuru yatowe mu kugabanya impfu ku bana bari munsi y’imyaka itanu. Indwara y’Ubukangwe ikaba iri mu ndwara za mbere zikingirwa hakoreshejwe urucanco.

Inyuma y’aho bigaragariye ko indwara y’ubukangwe, y’agasama, y’ugucibwamwo, canke izifatiye mw’ihemero zibangamiye abana bari munsi y’imyaka itanu hagapfa abatari bake na cane cane muri Afrika yo hagati, ibihugu bihurikiye muri ako karere vyaragiye hamwe kugira bitorere inyishu ico kibazo.

Mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwifadikanije n’amashirahamwe mpuzamakungu nka OMS na UNICEF, kuri uno wa mbere wa 24 Ruhuhuma, abaserukiye ibihugu cumi vyo muri Afrika yo hagati bakoraniye mu Burundi. Intumbero ikaba kwari ukugira barabire hamwe aho umugambi wo gucandaga ibibondo, mu kubakingira indwara y’ubukangwe ugeze. Ikindi naco kugira bakingire hamwe indwara y’agasama, yo gucibwamwo n’izifatira mu bihimba vy’ihemero ku buryo mu mwaka w’2020, indwara y’agasama itosubira kwibonekeza muri kano karere.

Mw’ijambo ryo gutanguza ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’abavuzi bavuye mu bihugu cumi vyo Afrika yo hagati, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri yamenyesheje ko urucanco ruri mu nyishu za mbere zankenerwa mu gukingira abana, bari munsi y’imyaka itanu, babangamirwa cane n’indwara y’ubukangwe n’agasama. Akaba yibukije kandi ko urucanco ruri mu migambi nyamukuru y’ikimpumbi ijanye n’iterambere mu gisata c’amagara y’abantu.

Muganga Boniface Maronko arongoye umugambi w’igihugu ujejwe incanco, PEV (Programme Elargie de vaccination) akaba yamenyesheje ko mu Burundi igikorwa co gucandaga kigeze ku ntambwe ishimishije mu gukingira indwara y’ubukangwe naho indwara y’agasama, indwara ya rudadaza ifata cane cane abavyeyi (tetanose maternelle) zikicibonekeza mu mice imwe imwe mu Burundi.

JPEG - 20.1 ko
Muganga Boniface Maronko arongoye umugambi w’igihugu ujejwe incanco, PEV

Ku bivugwa ko ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryoba rigire rihagarike gutanga imfashanyo yahora itangwa mu gisata kiraba ivy’incanco mu Burundi, muganga Maronko yabibeshuje, avuga ko OMS yasavye Reta y’Uburundi kwongereza uburyo yahora ishiramwo mu gisata kiraba ivy’incanco, ari naho yaciye itanga amafaranga agera ku muriyaridi umwe n’imiriyoni 127 y’amafaranga y’amarundi. Nayo ku bijanye kw’ishirwa mu ngiro ry’icanco mu Burundi, hakaba harizwe imigambi yerekeye Uburundi, ibice bigera kuri 80 kw’ijana bikaba vyarashizwe mu ngiro.

Mu Burundi hahurutse no kwemererwa gutanguza icese icanco zikinga kanseri iciye mu bwinjiriro bw’igetereko bw’abapfasoni, urwo rucanco rukazotangura gukoreshwa mu mwaka w’2015.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.