Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS : Indwara ya marariya yarwanijwe ku bice 45 kw’ijana kw’isi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > OMS : Indwara ya marariya yarwanijwe ku bice 45 kw’ijana kw’isi (...)

OMS : Indwara ya marariya yarwanijwe ku bice 45 kw’ijana kw’isi yose

lundi 31 Ntwarante 2014

Ishirahamwe mpuzamakunngu ryishinze gukingira amagara y’abantu, OMS (Organisation Mondial de la Santé) rirashima intambwe yahabaye mu gikorwa co kurwanya indwara ya marariya kw’isi yose.

Mu cegeranyo giheruka guhoka mu mpera z’umwaka w’2013, ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryatangaje ko mu myaka irenga cumi, kw’isi yose indwara ya marariya yarwanijwe gushika ku bice 45 kw’ijana, hamwe n’ibice 49 kw’ijana vyagabanijwe muri Afrika.
Nk’uko ico cegeranyo kibandanya kivyerekana, uburyo bwo gukinga no kurwanya indwara ya marariya bwarateye intambwe mu myaka 10, ivyo bikaba vyatumye mbere igabanuka kw’isi gushika ku bice 29 kw’ijana hamwe n’ibice 31 kw’ijana vyagabanutse muri Afrika.

Ishirahamwe mpuzamakungu OMS rikavuga ko muri iyo myaka irenga cumi, abantu bagera ku miriyoni 3,3 bashoboye gukingirwa indwara ya marariya mu bihugu bishika 10 vyo kw’isi yose bibangamiwe n’ico kiza. Abana bari munsi y’imyaka itanu, basanzwe ari nabo bakunda kubangimirwa n’ico kiza akaba aribo bashoboye gukingirwa gusumvya iyindi mice y’abantu.
Naho habonetse intambwe nini mu kurwanya ikiza c’indwara ya marariya mu myaka irenga cumi, kuva mu mwaka w’2000 gushika mu mwaka w’2013, ishirahamwe mpuzamakungu OMS ritera akamo abantu kudahagirika kurwanya ico kiza, kuko kikibanya ciha inkumbi muri kino kimpumbi ca 21.

Mu matohoza iryo shirahamwe ryakoze, mu mwaka w’i2012, ikiza ca marariya cahitanye abashika ibihumbi 627. Abarenga ku miriyaridi 3 bakaba bakibangamiwe gushika ubu n’ico kiza, na cane cane muri Aziya yo mu buseruko bushira ubumanuko, hamwe no muri Afrika aho abagera ku bice 80 kw’ijana bamaze gufatwa nayo.
Mu ntumbero yo gutanga intererano mu gushitsa ihangiro ry’ikimpumbi mw’iterambere rijanye n’amagara y’abantu mu kurwanya ikiza ca marariya, Raymond G Chambers, intumwa idasanzwe y’umunyamanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, avuga ko kugira ikiza ca mararira kirwanye burundu, hakenewe uburyo budasanzwe mu kuyirwanya bikwiye hamwe no gushobora gutanga imiti ku miryango yose iyikeneye.

Mwomenya ko incanco zo gukinga indwara ya marariya ziriko zirirwa n’abashakashatsi. Bikavurwa ko hamwe izo ncanco zotorwa, gushika mu mwaka w’2030, marariya izoshobora kugabanuka gushika ku bice 75 kw’ijana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.