Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS : Kwiyahura bigwiriye mu bafise imyaka iri hagati ya 15 na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > OMS : Kwiyahura bigwiriye mu bafise imyaka iri hagati ya 15 na (...)

OMS : Kwiyahura bigwiriye mu bafise imyaka iri hagati ya 15 na 29

samedi 6 Nyakanga 2014

Mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu OMS ca mbere ku kibazo co kwiyahura, iryo shirahamwe rivuga ko abantu barenga ibihumbi 800 aribo biyahura ku mwaka.

Iryo shirahamwe mpuzamakungu OMS rivuga ko kwiyahura ari ikibazo c’amagara nk’ibindi, kandi kikaba gikomeye, bigasabwa ko hoshirwa inguvu mu kukirwanya kigatuzwa.

Iryo shirahamwe kandi rigabisha ko amakuru avugwa mu binyamakuru yerekeye abiyahura, ashobora gutuma haba abandi bashaka kuvyigana. Ishirahamwe OMS rivuga kandi ko igitigiri c’abagabo bashobora kwiyahura kigwijwe na gatatu kuc’abagore. N’aho kwiyahura arikwo guhitana benshi mu bafise imyaka iri hagati ya cumi n’itanu na mirongo ibiri n’icenda, abantu barenza imyaka mirongo indwi nabo nyene barabangamiwe.

Tubamenyeshe ko uko umwaka utashe, hapfa abantu barenga umuriyoni biyahuye. Ishirahamwe OMS rikaba rishira ukwiyahura ku rutonde rw’ibintu 13 bituma abantu bapfa cane kw’isi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.