Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OMS: Mu mwaka w’ 2030, itabi rishobora kumara inganda atagihindutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > OMS: Mu mwaka w’ 2030, itabi rishobora kumara inganda atagihindutse

OMS: Mu mwaka w’ 2030, itabi rishobora kumara inganda atagihindutse

vendredi 30 Rusama 2014

Ku mwaka ku mwaka abantu baharurwa mu miriyoni zitandatu, nibo bahitanwa no kunywa itabi, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, rikavuga ko atagihindutse gushika mu mwaka w’I 2030, rizoba rigeze ku miriyoni zirenga ku munani ku mwaka.

Mu gihe buca duhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 31 Rusama, kw’isi yose haracibonekeza abakitswe n’amagara n’abandi badasiba gupfa ku bwinshi kubera itabi. Ku bantu bashika ku miriyoni 6 bahitanwa naryo ku mwaka ku mwaka, muribo abashika ku bihumbi 600 000 n’abapfa kubera umwotsi w’itabi baba bahemye abandi baba banyoye.

Nk’uko bivurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, nihatagira igihinduka mu kurwanya itabi kw’isi, gushika mu mwaka w’I 2030, hazoba haharurwa imiriyoni 8 z’abahitanwa naryo ku mwaka. Muri bo, abarenga ku 80 kw’ijana azoba ari abo mu bihugu bikiri inyuma y’amajambere. Bamwe mubasanzwe barinywa bo mu gisagara ca Bujumbura, baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, bavuga ko kunywa itabi ata nabi baribonamwo, ataruko ryoba rifise ingaruka zitari nziza ku magara y’abantu.

Mu bituma banywa itabi kandi bizwi ko rifise ingaruka zitari nziza, hari abavuga ko barinywa kubwa bagenzi babo kugira bumve ko bari mu bandi. Hari abarinywa kugira berekane ko bageze mu bigero, n’abandi kugira bagabanye ivyiyumviro biba bibabakiye, canke kugira babe barurangiranwa. Ku banywa itabi nabo bari mu kazi, bavuga ko barinwa kugira biruhurire kuko baba biriwe barakora imirimo iruhisha mu mutwe, kugira ntibave umwuna mu mazuru ku bwugukora umwanya muremure canke nyuma yo kuruha. Iyindi mvo nayo akaba aruko usanga vyaramaze kubaheramwo bikabagora kuriheba n’ubwo baba bariko barakora.

Ariko rero, n’ubwo bagiye baratanga imvo zitandukanye zerekana ko ata nabi iri mu kunywa itabi, barabonye ko iyo banyoye itabi amagara yabo ahinduka. Nko kubabara mu gikiriza, kubura impwemu, harabo usanga iminwa n’inzara vyarirabuye kubera kunywa ryinshi. Kunywa itabi bifise ingaruka mbi zitari nke n’ubwo hari abishigikira ko ribagirira akamaro. No mu bushakashatsi bwama bukorwa ku bijanye n’amagara y’abantu, biragaragara ko itabi ridahagaritswe rizoca imbere kw’isi indwara ya Sida, indwara y’igituntu, impanuka z’imiduga, ukwiyahura, eka n’izindi.

Mwomenya ko ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryahamagariye ibihugu vyose vyo kw’isi kuduza amatagisi kw’itabi kugira abantu ntibaze bararigura cane ngo barinywe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.