Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda : Reta yagabishije abanyeshure bayifitiye amafaranga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda : Reta yagabishije abanyeshure bayifitiye amafaranga (...)

Ouganda : Reta yagabishije abanyeshure bayifitiye amafaranga y’ingurane

mardi 29 Ndamukiza 2014

Mu gihugu ca Ouganda, Reta yagabishije abanyeshure basanzwe bakoresha ingurane yayo kugira barihe amashure, ko abatazoshobora kuriha bazocirwa umunyororo w’amezi atandatu canke ihadabu ry’ibihumbi amajana ane vy’amadorari.

Guhera ubu mu gihugu ca Ouganda, abanyeshure biga mu ma kaminuza ya Reta batazoshobora kwishura ingurane bahabwa kugira barihe amashure ya kaminuza, bazohabwa igihano co gufungwa amezi atandatu , ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni, aho iyo ngingo isa n’iyitakiriwe neza nabo banyeshure.
Bavuga ko bakora utwigoro tudasanzwe kugira bashobore gusubiza izo ngurane baba bahawe na Reta.

Mbere abenshi kugira bishure ayo mafranga bahitamwo gufatanya ishure n’akazi. Umunyeshure umwe usanga ariha amafranga y’abanyaburaya agera ku 900 (hafi imiriyoni zibiri amafranga y’amarundi) ku mwaka. Ubu rero ibintu vyahindutse, ubu uwutazoyasubiza azoca ariha ihadabu ry’amafranga ibihumbi 400 vy’amadorari canke naho afungwe amezi atandatu. Abo banyeshure bavuga ko bari bifuza kuriha iryo shure bakoresheje iyo ngurane, ariko rero bavuga ko batumva igituma barinda kubagirako iterabwoba ry’ivyo bihano vyose. Umwe muri bo akagira ati sinshaka kuja mw’ibohero nico gituma mpitamwo kureka kwiyandikisha.

Mwomenya rero ko gutanga ingurane kuri abo banyeshure ari ubundi buryo reta yatoye bwo gufasha abo banyeshure kuko reta itari igishoboye kubafasha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.