Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Papa Fransisko yatumye abantu isinzi biyegereza Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Papa Fransisko yatumye abantu isinzi biyegereza Imana

Papa Fransisko yatumye abantu isinzi biyegereza Imana

lundi 6 Nzero 2014

Papa Fransisko, kuva ashingwa amabanga yo kurongora Ekereziya gatorika hamaze kwiyongerako incuro zitatu z’abakirisu i Vatican mu mezi cumi gusa amaze muri ayo mabanga, akaba arushije uwo yasubiriye Benedicto wa 16, hamwe na Papa Yohani Paulo wa kabiri.

Papa Fransisko asa n’uwamaze gutwara idarapo ryo gukundwa n’abantu benshi (popularité). Mu biharuro bivugwa vyatanzwe n’ikinyamakuru c’i Vatican, abakirisu bamaze gusaba umubonano wo guhura na Papa Fransisko, abaja mu misa yo ku munsi w’Imana hamwe n’abitaba inkuka y’igisabisho c’umumarayika (angelus) ntibari munsi y’abantu 6623900 kuva Jorge Mario Bergoglio abaye umupapa ku genekerezo rya 13 Ntwarante 2013.

Mu gisagara c’i Roma aho papa aba, abantu baharurwa mu muriyoni n’inusu ni ukuvuga ugereranije ku munsi ni nk’abantu 51500 bitaba inkuka y’imisa ikoremesha na Papa Fransisko ku minsi yose ya gatatu. Mu misa nayo bita angelus y’igisabisho c’umumarayika isomwa ku minsi y’Imana canke mu gihe c’iminsi mikuru, yitabwa n’abantu imiriyoni 2,7.


Floxella Karire

Messages

  • None Ikintu Aje Arushabandi Nigiki? Canke Abobantu Banganukwo Kwose Bamukurikirana Kwiki?Reka Turindire Turabe.

  • ahubwo numubabaro ku bantu bataramenya ubwo bupapa imigambi bufise bwo kuzimiza abakristu kuva kera.mu gitabo civyahishuwe kiravuga kuyo muyobe papa,nkaba ndarikira abatazi ibiri muri kirya kitabu ko yosiguza kugira ntaze atabwe mu muriro hamwe niyo nyamaswa ivugwa na Yohani(ubupapa).

  • MUNTU WIYISE PERSIE UBWO UR’UMUNTU ASENGA MBE NTUZI KO TURI MUGIHE CANYUMA WW URI KO UHAKANA IVYIMANA URAZI UKUNTU PAPA ATORWA SI COKIMWE NA PRESIDENT CANKEB ABA MISTRE IVYO UTAZI RERO REKA KUVYINJIRAMWO KANDI NDABONA ATANUMWE WOROKORA KUKO AMAJAMBO YAWE ARABOZE NTUSUBIRE KUZIMIZA ABANTU NGOSOMA AHA CANKE HARIYA KUKO NIBAZE KO WEWE UTADASUMVYA ABANDI GUSOMA BIBILIYA KO WAVUZE YOHANA NIYOHANA KANGAHE ,MWIJAMBO RYERANDA KO BAVUGA NGO UBUTUMWA BUZAMAMARA KWISI YOSE NN BUZOCAHE KO ARI KUBAKOZI B’IMANA ,IKIBAZO ,MBE PAPA AHARI AGIRA KANGAHE HAVUYE PETERO YARAJWE ISHENGERO NA YESU KRISTO?VUGA BIKE UZOBAZWE BIKE KUKO NSANZE URI MUTO MUVY’IMANA

  • Papa komera kwibana wahawe ryo kuragira intama zawe. Ungeza inguvu numurava mu kubahaagariara kumva inkuru nziza yurukiza ariko rero muzehe papa ntugume aho iwanyu gusa ja no muri za subani cetro arfica irak misiri congo siriya eka nahandi ubuzuze mwo roho mutagatifu nuhagera bakaza bakugana uze ufate umwanya murimure ubaha ubutumwa mw,imana ubatinze bazohava bibagirwa gutera ibisasu. Kandi nkusavye ko wo kwihuta vuba kandi uzoze uzanye nifashanyo yabankirijwe ni ntambara niho bazoza ari benshi mushumba mwiza.

  • Mushingantahe persie gira amahoro ya Christu Yezu.Kumengo uraratse ga musazawanje ni ibiki?Ndabona ko ufise icakubabaje ku mutima ariko kandi ndumva mu nyandiko yawe ko uri uwa christ kandi woba worasomye bimwe mu bitabo vy’Imenyeshamana.Bandanya usoma kumbure ivyo vya nyenenubwerenda ubitenyenye gato uzobimenya ntihagire rero abo ubuhubisha;ivyo wavuze kuri uwo mupapa sivyo nabatari babizi bavyumve!Gira amahoro ya christ!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.