Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Peter Mutalika : Nta ngwano igiye kuba hagati ya Tanzaniya na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Peter Mutalika : Nta ngwano igiye kuba hagati ya Tanzaniya na (...)

Peter Mutalika : Nta ngwano igiye kuba hagati ya Tanzaniya na Malawi

mercredi 13 Myandagaro 2014

Inyuma y’imyaka myinshi hari ukutumvikana hagati ya Malawi na Tanzania, ibihugu bibiri bipfa imbibe ku kiyaga Nyasa gitandukanya ivyo bihugu, ubu amatati ariko agera ku rwego rwo hejuru.

Ibintu bisa n’ivyagiye gusubira ibuti, inyuma y’aho Peter Mutalika, umukuru w’igihugu ca Malawi amenyeshereje ko ico kibazo kitagihari, ariko akongerako ko ikiyaga Nyasa cose cegukira igihugu ciwe ca Malawie. Umukuru w’igihugu Mutalika avuga ko vyose bamaze kubivugana na mugenziwe wa Tanzania Jakaya Mrisho Kikwete bahuriye muri Reta zunze ubumwe za Amerika, aho abakuru b’ibihugu vya Afrika bari batumiwe na Barrack Obama.

JPEG - 14.2 ko
Peter Mutalika, umukuru w’igihugu wa Malawie

Kugeza ubu igiteye amakenga, n’uko umukuru w’igihugu wa Malawie, Mutalika amaze gushikiriza ivyo, avuga ko igihugu ciwe kititeguriye kurwana na Tanzaniya, kiretse ari hamwe boterwa. Avuga ko we akunda amahoro, ari naco gituma ata mpamvu y’intambara. Ivyo Mutalika abivuga uko, mu gihe umukuru w’igihugu Joyce Banda yasubiriye, we na Jakaya Kikwete bari basavye amakungu ko yofata mu minwe ico kibazo.

Naho ibintu biri uko, abanyagihugu b’ivyo bihugu uko ari bibiri baba ku nkengera z’ico kiyaga, bemeza ko bibaniye mu mahoro. Ico kiyaga Nyasa igihugu ca Malawi gipfa na Tanzaniya kikaba kigira gatatu mu burebure muri Afrika, inyuma ya Tanganyika na Victoria. Nyasa kigabura ibihugu vya Tanzaniya, Malawi na Mozambique.


Jean Michel Ndakengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.