Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pharell Williams na Robin Thicke bahanywe kubera biganye indirimbo ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Pharell Williams na Robin Thicke bahanywe kubera biganye indirimbo ya (...)

Pharell Williams na Robin Thicke bahanywe kubera biganye indirimbo ya Marvin Gaye

mercredi 11 Ntwarante 2015

Ibihagange bikomeye mu muziki muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Pharell Williams na Robin Thicke baciriwe imiriyoni 7,4 z’amadorari y’Amerika kubera biganye indirimbo ya Marvin Gaye.

Urubanza rwahujije umuryango wa Marvin Gaye hamwe n’abaririmvyi bakomeye Pharell Williams na Robin Thicke, rwagiye kurangira abo baririmvyi baciriwe imiriyoni 7,4 z’amadorari y’abanyamerika azohabwa umuryango w’umuhisi Marvin Gaye.

Uwo muryango w’umuhisi Marvin Gaye witwariye abo baririmvyi, babagiriza kwigana indirimbo "Got to give it up" ya Marvin Gaye.

Sentare ya Los Angeles barumvirije izo ndirimbo kugire bumve ko izo ndirimbo zifise imidiho imwe hamwe n’amajambo. Iyo sentare yasanze vy’ukuri amajambo n’umudiho biri mu ndirimbo "Blurred Lines" ya Pharell Williams na Robin Thicke, babikuye mu ndirimbo "Got to give it up" ya Marvin Gaye yasohotse mu mwaka w’1977.

Abo baririmvyi baciye bagirizwa n’iyo sentare guhonyanga agateka k’abanyamwuga (droit d’auteur) mbere bacirwa gutanga amafaranga angana n’imiriyoni 7,4 z’amadorari y’abanyamerika.

Umuryango w’umuhisi Marvin Gaye barabajwe bikomeye n’ivyo abo baririmvyi bakoze.
Mwomenya ko indirimbo "Blurred Lines" ya Pharell Williams na Robin Thicke ari indirimbo yakunzwe cane mbere abo baririmvyi bakaba baronse imiriyoni 5 z’amadorari zirenga umwe wese kuva iyo ndirimbo isohotse.

Raba indirimbo "Got to give it up" ya Marvin Gaye

Raba indirimbo "Blurred Lines" ya Pharell Williams na Robin Thicke


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.