Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakuru avuga ko amazi ya REGIDESO yashizwemwo uburozi yabeshujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amakuru avuga ko amazi ya REGIDESO yashizwemwo uburozi yabeshujwe

Amakuru avuga ko amazi ya REGIDESO yashizwemwo uburozi yabeshujwe

jeudi 6 Munyonyo 2014

Mw’ishirahamwe REGIDESO barabeshuza amakuru yatanguye guhanahanwa kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, avuga ko hafashwe umuntu yariko ashira uburozi mu masoko y’amazi ya REGIDESO. Muri iryo shirahamwe bavuga ko ibipimo vyerekanye ko amazi ari meza.

Inyuma y’isaha zitandatu zo kuri uwu wa kane, abanyagihugu, cane cane abo mu gisagara ca Bujumbura batanguye guhanahana amakuru yavuga ko hafashwe umuntu yariko ashira uburozi mu masoko y’amazi ya REGIDESO. Mu gisata kijejwe kumenyesha amakuru bavuga ko kuva batanguye kwumva ayo makuru, n’abanywanyi ba REGIDESO bagatangura guhamagara batabaza, ubuyobozi bw’iryo shirahamwe, buri kumwe n’abahinga babo baciye bihutira gupima ahari ayo masoko. Nk’uko tubibwirwa na Claudine NININAHAZWE, umwe mu bahanuzi bajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe REGIDESO, abahinga baciye banyarukira gupima amasoko ya KINUKE (Kiriri, Sororezo na Mutanga), Gatunguru, hamwe na Kamenge. Ibipimo vy’abahinga vyerekanye ko amazi ameze neza. Muri iryo shirahamwe REGIDESO barabeshuza n’abavuga ko hoba hari umuntu yafashwe ariko ashira uburozi muri ayo mazi.

BUCUMI Donatien, umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi muri REGIDESO arahumuriza abanywanyi b’iryo shirahamwe, ababwira ko bobandanya gukoresha n’ukunwa ayo mazi nk’uko vyari bisanzwe.

Uwo muyobozi asaba abanyagihugu baza kubona umuntu agaragaje ibimenyetso vy’uwoba yanyoye amazi mabi, ko boca banyarukira kubimenyesha abajejwe intwaro n’abakozi ba REGIDESO kugira abahinga babo basubiremwo gupima.


Egide Nduwimana

Messages

  • ishirahamwe regideso mwarimukwiye kwama mufise abasekirite bacunga amasoko yose ahava akagera ijoro numutaga kuko iyikuburiye ntikurya kandi amagara nayo namazi eseseka ntibayore uraba wumva birenge niwe ubarigwa

  • Uroga amaziwe yaba arkijuju kuko yaroga nababyeyibe aziko yi

    she abanzibe

  • Iyo ni yantambara bamwe baguma bifuza. Emama ngo amazi ya Regideso bayashizemwo ishano; emama ngo abantu bariko barakura amarundi mu mabanki; emama ngo abantu ni basume bagire ama stock ngo intambara izomara amezi atatu; n’ibindi n’ibindi. Mugani wa wawundi, iyo ntambara iri mu mitwe yabo ariko ni bamenye ko ivyabo vyamenyekanye ni bige gutungwa n’ivyo babiriye icuya nk’abandi bose. Imyaka yo kurya abandi babicayeko yararenganye.

  • Basha niho noba nkibona ko Abarundi babaye abicanyi bakwiye pee!! None uworoga amazi yoba ashatse guhonya abarundi boseee!! Ninko gukororera Bombe mu Burundi bwose!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.