Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta isabwa kurwiza amafaranga aja mu gisaca c’uburimyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Reta isabwa kurwiza amafaranga aja mu gisaca c’uburimyi

Reta isabwa kurwiza amafaranga aja mu gisaca c’uburimyi

vendredi 22 Munyonyo 2013

Isozerwa ry’ibikorwa vy’inama rukokoma y’ihuriro ry’amashirahamwe y’abarimyi bari bamaze mu nama nkuru ku rwego rw’igihugu iminsi itatu, mu kigo citiriwe « Mission Suedoise », urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi rwasohoye icegeranyo c’ivyavuye mu bikorwa bari bamazemwo iminsi.

Abantu bagera 189, muri bo 126 abarongoye amashirahamwe baje bava mu ntara zo mu gihugu nibo bashoboye guhanahana ivyiyumviro c’ivyokorwa kugira ibibazo bihanze igisata c’uburimyi n’ubworozi bitorerwe umuti.

Abarimyi bose bakaba barashoboye kuvuga ingorane zihanze imice baherereyemwo, muri rusangi n’ingorane z’amasi yaze, z’ubukene bw’imbuto zirobanuye, ubukene bw’umwavu w’ikizugu utaboneka mu gihe kikwiye, ingorane zo kubura ingorurane ku barimyi, no kutaronka amasoko yo kudandaza ivyo bimbuye.

Abari bakoraniye muri iyo nama rukokoma baragize ivyo bumvikanyeko vyokorwa kugira ico gisata gitere imbere. Mu vyo bumvikanyeko basavye ko :

1) Reta yorwiza amafaranga aja mu burimyi, akarenza ibice 10 kwi 100 yahora ishira muri ico gisata, inyungu basaba abarimyi yogabanuka, ive kuri 2 ije kuri 1 kugira baronke ayo basahiriza impanuka gutanga inyigisho zikwiye ku barimyi borozi mu gusaba ingurane. Kubaganya idufuko tw’umwavu w’ikizungu twatangwa ku biro 25 tukaja ku biro 10 kugira n’abandi bagire amahirwe yo kuturonka.

2) Ama koperative yo kwongerereza ubumenyi abarimyi mu bijanye no kudadanza ivyo bimbuye kugira barushirize kuronka amasoko.

3) Ku mashirahamwe mpuzamakungu, n’ayasanzwe abashigikira, kurwiza amashure y’indimo ku barimyi kugira bamenye kurima kijambere baheze batange umwimbu mwiza. Kwongerereza ubumenyi amakoperative kugira barushirizeho gukorana neza n’abanyagihugu babirimizi. Gutanga icirwa ciharijwe m’uburimyi kijanye n’ingene amasi ameze abarimyi bamenye boharima vyobahamera kurusha ibindi.

Inyuma y’ico cegerenyo, abamenyeshamakuru bakaba baciye baremesha ikiganiro, mu kubaza ibibazo bitandukanye bijanye n’ingorane zihanze igisata c’uburimyi n’ubworozi, abari mu bisata bitandukanye vy’uburimyi n’ubworozi bari muri iryo koraniro. Innocent Muhozi, kuri radiyo tereviziyo Renaissance mu kibazo ciwe yabajije yagize ati : « Ni kuki umwimbu w’ikawa utimbuka, mu gihe ari igiterwa kiri muvyinjiza amafaranga menshi mu gihugu ?» Ku nyishu zatanzwe kuri ico kibazo, ni ukwo basanze ikawa usanga rimwe na rimwe yatewe mu kiringo kitari co, yatewe mu kibanza itategerezwa guterwa ntiheze ngo yimbuke neza . Abarimyi b’ikawa bakaba bemeye ko bagiye kurwiza amatuta y’ikaba mu bibanza vyagenewe kugira barwize umwimbu wayo.

Mu gusozera ivyo bikorwa , umushikiranganji Odette Kayitesi yashimye ibikorwa vyose vyahabereye n’ivyahashitsweko,ko bigiye kugirira ikimazi igisata c’uburimyi n’ubworozi mu Burundi. Yaciye amenyesha icese ko Reta yiyemeje gushigikira igisata c’uburimyi n’ubworozi mu Burundi mbere ko izonafasha mu bibazo vyose abarimyi bazobatura.

Mwomenya ko mu bantu 126 bari baje bava mu mihingo itadukanye muri iyo nama rukokoma yahuje urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi n’abandi batandukanye, hari amashirahamwe CAPAD, CNAC, APROPABU, CAPRI, CNATHE (Confédération Nationale de Theiculteurs), abarongoye ama cooperative, abaje bava muri PAIVA-B na PRODEFI, abaserukiye ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ku rwego rwo hejuru hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu FIDA.


Mariella Bukuru

Messages

  • indwano yaraheze amahera yahora yo shira mu burimyi,abasoda abapolisi baje gutera ibiti imisozi yambare kuko ubu nico cihuta ,,,Aka gahugu gatunzwe n uburimyi shiramwo au moins 25% du budget...ariko atari imiduga n ibindi vy amaraha gusa,,,muri production directe ,,kubona inzara yica abantu dufise imvura hafi umwaka wose biteye isoni boose baradutwenga yemwe !!!!ese ingene dufise agahugu keza!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.