Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’ikawa y’Uburundi uracari muke n’aho akanovera bagashima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umwimbu w’ikawa y’Uburundi uracari muke n’aho akanovera bagashima

Umwimbu w’ikawa y’Uburundi uracari muke n’aho akanovera bagashima

jeudi 13 Ruhuhuma 2014

Mu bikorwa vyo kwugurura icese inama igira 11 y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika birima igiterwa c’ikawa, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette Kayitesi yamenyesheje ko amagume igihugu c’Uburundi cahitiyemwo, ihindagurika ry’ibihe, kubura ubuhinga bukwiye arizo ntambamyi ahanini zikuru zikuru zatumye umwimbu w’igiterwa c’ikawa udatera imbere.

Igihugu c’Uburundi catewe iteka ryo kwakira ubwa mbere inama igira cumi na rimwe y’ishirahamwe AFCA "African Fine Coffees Association", ni ukuvuga ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika birima ikawa. Nk’uko tubimenyeshwa n’umushikiranganji Odette Kayitesi ajejwe uburimyi n’ubworozi, n’aho ikawa y’Uburundi ishimwa cane ku kanovera kayo kadasanzwe, umwimbu wo uracari muke cane ugereranije n’ibindi bihugu bari kumwe muri iryo shirahamwe. Imvo rero zatumye umwimbu udatera imbere hariho ingorane ahanini zavuye ku ndwano Uburundi bwahitiyemwo, ihindagurika ry’ibihe, kubura ubuhinga bukwiye hamwe n’amikoro make y’abarimyi, aho usanga amabanki hamwe n’amashirahamwe yo kuguranana adashigikiye cane ico gisata, gutyo n’uwipfuza ingurane akabura aho ayikura.

Ku civugo c’iyo nama n’ihayanishwa kijanye no "gushira inguvu hamwe kugira igisata c’ikawa gitere imbere", umushikiranganji Odette Kayitesi amenyesha ko bariko barabira hamwe ingene bonagura ico gisata kugira umurimyi muto nawe atera imbere, n’umwimbu wongerekane cane. Iryo hayanishwa rikazotuma igihugu c’Uburundi kirahura ubwenge ku bindi bihugu.

Umukuru w’igihugu C’Uburundi Petero Nkurunziza, mw’ijambo ryo kwugurura icese iyo nama, yashimye cane utwigoro turiko turakorwa, kuko ikawa iri mu bintu biteza imbere ubutunzi. Petero Nkurunziza yibukije ko ikawa y’Uburundi itunze ingo zishika ibihumbi amajana atandatu, ikaba yinjiza amafaranga y’agaciro ku bice biri hagati ya 60 na 80 kw’ijana. Reta y’Uburundi rero ikaba yihaye intumbero yo guteza imbere amikoro y’abarimyi, mu kwongereza umwimbu hamwe no kwongereza amafaranga y’agaciro yinjira muri co gisata mu gushira imbere ikawa y’akanovera. Petero Nkurunziza agira ati : "Nimba koko dushaka guteza imbere ubutunzi bw’igihugu, dutegerezwa gushira imbere imigambi ijanye no guteza imbere na cane cane ubuhinga."

JPEG - 59.7 ko
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Mwomenya rero ko iyo nama y’ishirahamwe AFCA yari yitabwe n’amashirahamwe yo mu bihugu 11 arivyo Burundi, Inde, Ethiopie, Tanzanie, Rwanda, Ouganda, Cameroun, Italie, Brésil, Gabon na Zambie. Iyo nama izomara iminsi 3 izorangira kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2014.


Floxella Karire

Messages

  • Ihindagurika Ryibihe Nikimwe Mubitera Igabanuka Cane Ry’ Umwimbu W’ Ikawa ,kubwanje Iryo Hindagurika Ry’ Ibihe Rigategwa Nihindagurika Ry’ Ibiciro Vy’ikawa. Uti Gute? Igitegwa C’ Ikawa Gitunze Imiryango Irenga 600 000. iyo umwimbu ubonetse ariko igiciro kikaguma kimanuka ,abarimyi bose ziryango zirenze 600 000 TUca tuja kurondera amikoro mubidukikije ,guca amakara, gucukura umusenyi mumazi , uruhigi nibindi kugira turonke ico dufungurira abana. akamo nteye reta nisubize agatamana yatse abarimyi amahera yabarimyi aribwe nabeneyo yoye kuja mumifuko y’ uwutabize icuya,hanyuma ibidukikije vyubahirizwe bisonegwe nakare ngo nunda harara inzara hakavyka inzigo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.