IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Rose Muhando yatangaje icatumye akorora inda yari yatwaye

Rose Muhando yatangaje icatumye akorora inda yari yatwaye

mardi 27 Nzero 2015

Inyuma yaho bivunzwe ko umuririmvyikazi w’indirimbo zo guhimbaza Imana, Rose Muhando yakoroye inda y’amezi indwi, uwo mugore yavuze icatumye yica umwana yaratwaye mu nda.

Haheze iminsi mike tubamenyesheje ko umuririmvyikazi Rose Muhando aturuka mu gihugu ca Tanzanie yakoroye inda y’amezi indwi, akaba yari asanzwe afise abana batatu ku bagabo batandukanye kubera atigeze agomba umugabo babana.

Rose Muhando yatangaje abicishije ku bahanuzi biwe icatumye akurayo inda y’amezi indwi, akavuga ko yagize ikibazo ku bijanye n’inda yari yatwaye ku buryo abaganga bamuhanuye kuyikuramwo ntihave itera ingaruka mbi ku buzima bwiwe, nk’uko ikinyamakuru Ghafla co mu gihugu co muri Kenya kibitangaza.

Nubwo yatangaje ivyo, abakunzi biwe basigaye bamubona nabi kandi mwomenya ko inyamiramabi yo mu gihugu ca Tanzania zibandanya amatohoza, bakazosanga icaha kimwagira azohabwa gupfungwa imyaka indwi kubera mu gihugu ca Tanzanie icaha co kwica umwana akiri mu nda gihanwa n’amategeko.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.