Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi : Umwimbu w’ibiharage ntiwifashe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ruyigi : Umwimbu w’ibiharage ntiwifashe neza

Ruyigi : Umwimbu w’ibiharage ntiwifashe neza

lundi 2 Ruheshi 2014

Umwimbu w’ibiterwa wifashe neza mu ntara ya Ruyigi, havuyemwo ibiharage gusa, kuko ari vyo bitagenze neza bivanye n’ihinduka ry’ibirere.

Ku bw’umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Ruyigi Festus Ntihabose avuga ko, icatumye ibiharage bigabanuka umwimbu, ari ibirere vyahindutse, Abandanya avuga ko ibindi biribwa vyifashe neza, ndetse no kw’isoko vyaragabanutse ibiciro. Aha, agatanga akarorero k’intete z’ibigori, aho ikiro cavuye ku mafaranga 650, kija ku mafaranga 350. Asaba ariko abarimyi kubungabunga neza umwimbu, mu ntumbero yo kurwanya ikigoyi. Ivyo akaba yabishikirije, mu gihe kenshi na kenshi bishika aho abarimyi bimbuye baca bahereza umwimbu wabo mw’isoko, haca kabiri ikigoyi kigaca kibatera.

Mu kamenya ko amatohoza yakozwe muri iyo ntara ya Ruyigi, yerekana ko umukenyezi mwirimizi yicwa n’ibikorwa wenyene, aho igice kinini c’abagabo kiterekwa isuka, bakagirizwa guhereza akanya kabo mu mazu y’ubudandaji bw’inzoga, umugore ariko ararima wenyene.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.