Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss Rwanda 2015 : Abahiganwa bamwe barira abandi bagatwenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Miss Rwanda 2015 : Abahiganwa bamwe barira abandi bagatwenga (...)

Miss Rwanda 2015 : Abahiganwa bamwe barira abandi bagatwenga (amafoto)

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Amahiganwa yo gutora umukobwa azosurukira Urwanda mu mwaka w’2015 arabandanya, umwigeme yitwa Doriane abandanya asumvya amanota abandi mu gihe hasigaye iminsi mikeyi kugira ihiganwa nyezina ribe.

JPEG - 50.6 ko
Uyu yariko atwenga umunezero ari wose

Abakobwa bagera kuri cumi na batanu (15) bariko bahiganirwa gutwara ikibanza ca mbere kizotuma uwugitwaye yambikwa ikanga y’umukobwa wa mbere aserukira Urwanda mu mwaka w’2015. Abo bamaze iminsi mu mwiherero. Abo bigeme bari ahitwa i Rubavu, amatora arabandanya haba mu butumwa bugufi (sms) canke ku mihora ngurukana bumenyi (Internet). Umwigeme yitwa NKUNDWA Doriane niwe ari kw’isonga gushika ubu afise amanota avuye mu matora angana ibihumbi 52 942, akurikirwa na IHOZO Kalisi Sabrina afise amanota angana ibihumbi 46 122, uwa nyuma kuri urwo rutonde mfatakibanza yitwa Mutoni Jane n’amanota avuye mu matora angana 288.

Ku munsi mukuru w’abakundana abo bigeme bari bahawe akanya ko kuvugana n’incuti n’abagenzi. Ku mafoto tubona bamwe muribo bariko barira abandi batwenga bafise za ngendanwa ku matwi abandi ziri mu minwe.

Tubibutse ko umukobwa azoba Miss Rwanda 2015 azotorwa kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma. Uwuzokwambikwa ico gitsibo bivugwa ko azohembwa ibihumbi 700 vy’amafaranga y’amanyarwanda ku kwezi, umwaka wose, ahabwe imodoka iri mu bwoko bwa SUZUKI Swift n’ubundi burusho.

Amazina y’abahiganwa n’amanota bafise :


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.