Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sabine Ntakarutimana yarashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa 2012 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Sabine Ntakarutimana yarashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa 2012

Sabine Ntakarutimana yarashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa 2012

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida,Sabine Ntakarutimana,yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushira ahabona ivyaranguwe mu mwaka uheze w’2012.

Hari kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2013, aho umushikiranganji w’amagara y’abantu yatangaza ivyaranguwe mu mwaka uheze m’ubushikiranganji arongoye.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi y’igihugu abimenyesha,umushikiranganji Ntakarutimana yamenyesheje ko mu mwaka uheze hibonekeje ubukene bw’abavuzi na cane cane mu mavuriro kuko gushika ubu ivuriro rimwe rifise abavuzi babiri abo nabo bagategerezwa gukora ijoro n’umurango.

Umushikiranganji yavuze ko ivyo biri ukwo mu gihe muri ico gisata hari abantu benshi badafise akazi,ngo ivyo navyo bikaba biva kuko muri ubwo bushikiranganji batanga akazi bafatiye ku mafaranga Reta iba yarategekanije gukoresha buri mwaka.

Ku bijanye n’uko hari ubukene bw’abaganga b’abahinga mu bitaro vya Reta,Muganga Sabine Ntakarutimana yamenyesheje ko abo baganga ari bake m’u Burundi.

Kuri ivyo rero umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko igikuru ari uko umuganga wese yokorera aho ari ku neza y’abanyagihugu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.