Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SBC rihurikiyemwo abaganga bavura indwara z’umutima ryatanguye ibikorwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > SBC rihurikiyemwo abaganga bavura indwara z’umutima ryatanguye ibikorwa (...)

SBC rihurikiyemwo abaganga bavura indwara z’umutima ryatanguye ibikorwa icese

samedi 21 Ntwarante 2015, par IGIHE

Abaganga bize kuvura indwara z’umutima hano mu Burundi bashize inguvu hamwe mu gushinga ishirahamwe rizobatuma bashobora guhanga n’izo ndwara ziri mu za mbere zica abantu benshi kw’isi muri rusangi , muri Afrika no mu Burundi vy’umwihariko.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 20 Ntwarante , mu nyubakwa Pearl Hotel iri mu gisagara ca Bujumbura niho hatanguzwa icese ishirahamwe rijanye no kuvura indwara zijanye n’umutima( La societé burundaise de cardiologie). Iryo shirahamwe rihurikiyemwo abaganga bize ivyo kuvura indwara z’umutima ryemewe imbere y’amategeko mu kwezi kwa Mbere igenekerezo rya 16 z’uno mwaka, nk’uko bishikirizwa na Mariko Nimburanira umukuru w’iryo shirahamwe.

Icatumye abo baganga biyumvira iryo shirahamwe nk’uko abandanya abishikiriza n’uko basanze indwara y’umutima hamwe n’indwara z’imiringoti y’amaraso, ziri mu ndwara za mbere zihitana abantu kw’isi muri rusangi muri Afrika no mu Burundi vy’umwihariko. Ni muri iyo ntumbero abaganga basanzwe bavura indwara z’umutima hano mu Burundi, bashimye gushira inguvu hamwe mu gushinga iryo shirahamwe kugira bagwanye izo ndwara zibandanya zisasika inganda.

Bimwe mu bizokorwa n’iryo shirahamwe rero akaba ari kubandanya ubushakashatsi ku bijanye n’izo ndwara z’umutima n’imiringoti y’amaraso, mu kurondera ibitigiri nyavyo vyaboba bafise izo ndwara hano mu Burundi. Kubandanya baronsa akanryo ko kuronka inyigisho ku bagize iryo shirahamwe yaba amanama abera mu makungu canke ivyigwa, bazokongera kandi bahe imfashanyo n’abandi baganga bo mu bitaro vyo hagati mu gihugu, no mu karere ku bijanye n’ingene bapima bakongera bakavura umurwayi afise indwara zijanye n’umutima, n’iyo miringoti y’amaraso.

Ikindi nk’uko muganga Mariko Nimburanira abandanya abishikiriza, ni uko bazohimiriza abanyagihugu babicishije ku binyamakuru n’amaradiyo mu kubigisha ibijanye n’izo ndwara ico zivako, ukuntu bozirinda ningene bozivuza, mu gihe bozigwara. Akabandanya avuga ko batazibagira kandi gukomeza imigenderanire n’ayandi masosiyeti nkayo, yaba ayo mu karere canke ahandi hanze y’igihugu.
Ariko rero barasaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, kubashigikira muri iyo migambi na cane cane bakabicisha muri wa mugambi w’igihugu ( Programme des maladies chroniques non transmissibles’’.

Umwunganizi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu ari nawe yari yaserukiye umushikiranganji Sabine Ntakarutimana ,mu kwugurura icese iryo shirahamwe avuga ko ingorane zari zihari, zijanye n’abakozi bake mu kuvura abarwayi izo ndwara, ukutamenya ku bijanye n’iyo ndwara mu banyagihugu, ingorane z’ibikoresho, ivyo vyose kumbure bikaba bizotuma bitorerwa inyishu. Akavuga ko bateye intege amashirahamwe nkayo aba ahurikiyemwo abahinga, na kare ngo tubiri tuvurana ubupfu, kuko bazoba imboneza mu kurwanya izo ndwara hano mu gihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Mwebwe nimwebwe dukeneye ahiwacu mu Burundi ekambere nohanze y’u Burundi.
    Kuko mwogenda nomubindibihugu mugahamagarabantu mukababwira ivyomuvuze mukumvirizwa nabose, nayo amashirahamwe yokwigisha abantu kwiruka mumabarabara nayokwirirwa ahonyene Bujumbura yigisha abenegihugu gukora ibisubiza inyuma igihugu gusa.

  • felicitations nos chers cardiologues et courage !

  • Le Burundi a une potentialité énorme dans le domaine de la Santé Publique. J’en appelle àtous les Médecins Spécialistes burundais,qui sont nombreux àtravers le monde, de multiplier ce genre d’initiatives. Le salut du Pays viendra de là. Coup de chapeau et longue vie àla SBC.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.