Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sendika y’abaforoma SYNAPA ntirota ihagarika yegereyegere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Sendika y’abaforoma SYNAPA ntirota ihagarika yegereyegere

Sendika y’abaforoma SYNAPA ntirota ihagarika yegereyegere

mardi 18 Kigarama 2012

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 17 Kigarama, 2012, Mélance Hakizimana arongoye sendika y’abaganga SYNAPA yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru , aho yamenyesheje ko bagiye kubandanya yegereyegere, iyo nayo ikaba yatanguye indwi igira Gatatu kuri uyu wa mbere.

Uwurongoye sendika yavuze ko yegereyegere igiye kubandanya,ariko rero mugitondo co kuri uyu wambere nyene icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yari yahaye umubunano abaserukira iyo sendika abasaba gusubira kumirimo .Ako kamo kakaba katitabwe kuko ibiganiro hagati ya Reta n’abaserukira ama sendika kugira barabire hamwe ishigwa mungiro ry’amasezerano bagiraniyeye mumwaka w’2009,ngo ari ngombwa ,nkuko Mélance Hakizimana yabishimitse ko .

Yarangije amenyesha ko bagiye kubandanya bakora ibikorwa bibayabaye nk’uko bahora , ariko ngo ingingo zindi zirashobora gufatwa kugirango bahagararire uburenganzira bwabo .


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.