Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sierra Leone : Abantu batanu kw’isaha bandura Ebola - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Sierra Leone : Abantu batanu kw’isaha bandura Ebola

Sierra Leone : Abantu batanu kw’isaha bandura Ebola

vendredi 3 Gitugutu 2014

Ishirahamwe ry’abagiraneza "Save The Children" ryerekana ko uko isaha iheze, abantu batanu baba banduye umugera wa Ebola. Kubw’iryo shirahamwe, vyerekana ko ibitigiri vy’abakenewe kwitabwaho birengeye uburyo buhari.

Mu gihe hari ibitanda 327 gusa mu gihugu cose bishobora kurwarirako abanduye Ebola, ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe Save the Children vyerekana ko abantu 765 aribo vyamenyekanye ko banduye umugera wa Ebola muri ico gihugu ku ndwi iheze yonyene.

Ico kibazo cakoranije abahinga n’abanyeporitike mu nama mu Bwongereza, kugira bige inyishu amakungu yoterera. Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Philip Hammond yamenyesheje ko hakenewe kwongerwa imfashanyo, co kimwe n’abaganga hamwe n’abaforoma.

Uwujejwe igisata co kurwanya Ebola muri ONU, Anthony Banbury we yibutsa ko Ebola ari ingwara yashitse mu ntara zose za Liberia, naho umukuru w’ico gihugu, Elen Johnson-Sirleaf yabeshuje ko kugabisha ko hari abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi bagiye kuzokwandura Ebola atarivyo.

Tubibutse ko Ebola arico kiza ca mbere gikomeye kuva kimenyekanye, ubu kikaba kimaze guhitana abantu 3.338. Abazwi ko banduye ni 7.178 mu bihugu bitatu bisinzikaye cane arivyo Sierra Leone, Liberia na Guinee.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.