Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Solange Knowles avukana na Beyonce ariko agerageza kumwahukanisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Solange Knowles avukana na Beyonce ariko agerageza kumwahukanisha

Solange Knowles avukana na Beyonce ariko agerageza kumwahukanisha

mardi 17 Ruheshi 2014

Urugo rwa Beyonce na Jay Z rushobora gusambuka umwanya n’umwanya kubera ibintu bishika kuri 3 bariko barapfa. Solange avukana na Beyonce niwe ariko aramwahukanisha.

Urugo rwa Beyonce na Jay Z rwafatwa nk’akarorero mu ngo z’abaririmvyi, ariko narwo nyene ryatewe n’umugera wo kwahukana. Ica mbere kigira kirusenye, ni Solange avukana na Beyonce. Uwo ntibacana uwaka na muramu we Jay Z, kuva aho barwaniye bariko basohoka inzu y’ingezi Standard Hotel, Jay Z agakubitwa akagoka Beyonce arorera. Icababaje Jay Z ni isanamu iberekana bariko bararwana, iyo sanamu iriko igurishwa amadorari 250.000

Kuva ico gihe baciye bazirana urunuka, Solange aca abandanya arondera kubahukanisha mukubeshera Jay Z ko arenga ibigo, akabikorana n’uwutwa Casey Cohen. Uwo nawe arabeshuza ivyo Solange yashikirije, akavuga ko atigeze aryamana na Jay Z atari uko bahuriye ku kazi gusa.

Ica nyuma coba kigomba gusambura urwo rugo, n’uko Beyonce yoba ashaka kuvyara uwundi mwana kuri Jay z kandi mu masezerano bavuganye umwana umwe gusa. Amasezerano y’amananiza hagati ya Beyonce na Jay Z tuzoyabashikiriza hanyuma.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Birya vyose biterwa n’uko iwabo umuntu wese ashaka kuba umu STAR vyanka vyakunda, akoze igihimbara abantu canke kibi. Biraboneka ko Solange nawe ashaka kumenyekana aciye kuri muramu we narirya umuryango wa Jay Z usanzwe ugizwe n’aba star gusa. Bica vyibutse umwe yarasa PAPA Jean Paul II agasigura ko impamvu yabitumye yashaka kumenyekana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.