Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYNAPA isaba Leta ko yokwubahiriza amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > SYNAPA isaba Leta ko yokwubahiriza amategeko

SYNAPA isaba Leta ko yokwubahiriza amategeko

mardi 9 Mukakaro 2013

Biciye mw’itangazo ryashizwe ahabona na sendika y’abaganga n’ababafasha SYNAPA, Fidèle Niyonkuru, icegera c’umukuru wa sendika SYNAPA basaba umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida ko yosubiza mu gateka abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi bahinduriwe ibibanza bakoreramwo hatubahirijwe amategeko.

Muri iryo tangazo, abahurikiye muri SYNAPA bamenyesha ko abariko barahindurirwa ibibanza bakoreramwo cane cane ari indongozi zo muri SYNAPA, bakanegura ko iyo ari ingingo ijanye no guhungabanya ibikorwa vya sendika SYNAPA.

Kubwa Fidèle Niyonkuru, icegera c’umukuru wa SYNAPA, kuva mu kwezi kwa Kigarama kw’umwaka uheze, Leta y’Uburundi yafashe ubundi buhinga bwo kuburabuza ibikorwa vya sendika SYNAPA biciye mu guhindurira ibibanza vya gihutihuti abari mu ndongozi za SYNAPA. Nk’uko ico cegera c’umukuru wa SYNAPA abandanya abisigura, mu kwezi kwa Ntwarante kw’uyu mwaka turimwo, bari barungikiye urwandiko umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, bamusaba guhagarika ivyo bikorwa inyuma y‘aho abagera kuri cumi na batatu aribo bahinduriwe ibibanza bakoreramwo amategeko atubahirijwe.

SYNAPA ikamenyesha ko ivyo bikorwa mu ntumbero yo gutera ubwoba bidaharitswe, mu mwanya wa vuba bagiye gufata izindi ngingo barekurirwa n’ibwirizwa shingiro.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.