Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya: Diamond asomana na Zari mw’izinga ZANZIBAR ku munsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Tanzaniya: Diamond asomana na Zari mw’izinga ZANZIBAR ku munsi (...)

Tanzaniya: Diamond asomana na Zari mw’izinga ZANZIBAR ku munsi w’abakundana

vendredi 20 Ruhuhuma 2015

Diamond abandanya yerekana ko urukundo bafitaniye na Zari ruriko rushinga imizi inyuma yo kuvana na Wema Sepetu. Ku munsi wa "Saint Valentin" Diamond na Zari bari mu birori amwereka ubwiza bw’izinga rya Zanzibar.

Inyuma y’iminsi mikeyi Diamond asezeranye mu rukundo n’umukinyi w’amareresi Wema Sepetu kubera vyavugwa ko uwo muririmvyi yoba asigaye akunda n’Umugandakazi Zarinah Ntale hanyuma urukukuru rukaba inkuru, abo babiri(Diamond na Zari)bari mu rukundo rushushe. Ku munsi wa "Saint Valentin" bariko batembera mw’izinga rya Zanzibar.

Diamond ati:" Ntiyari bwigere abona ubwiza bwa Zanzibar ari naco gituma namutwaye kugira avyibonere". Baboneka ku mafoto baryohewe, basomana, bagendera mu miduga itanga umuyaga,eka umunezero ari wose.

Inyuma yo kumutembereza i Zanzibar, hari amakuru atangwa n’ikinyamakuru Kibonajoro.com avugako Diamond yaraye amuguriye imigufu bambara ku maboko no ku ntoki (Chainette et gourmettes) vy’inzahabu.

JPEG - 70.4 ko
Ifoto yavuye kuri: Kibonajoro .com

Mwomenyako mu magenekerezo ya 12 Rhuhuma, Zarinah Ntale yariko aronderwa n’igipolisi co muri Uganda yagirizwa kuba yashize ahabona amasanamu(Videos)y’ubusambanyi(pornography) maze akazikwiragiza ku mihora ya Facebook na whatsapp.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.