IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Tungurusumu yoba ari umuti w’ indwara izihe ?

Tungurusumu yoba ari umuti w’ indwara izihe ?

vendredi 24 Rusama 2013

Tungurusumu n’ibitunguru usanga bidafungurwa cane. Kuko benshi bahitamwo gukoresha birya bindi bisanzwe. Benshi bavuga yuko iyo bariye ibitungurusumu akamoto kavyo katigera gahera mu kanwa hanyuma ntibaheze ngo bidagadure mu biyago n’abandi.

Ariko hari ibindi vyiza dusanga mu bitungurusumu n’ibitunguru bisanzwe ni vyinshi cane: iyo umuntu abiriye, biramukingira indwara zitarinke, Indwara z’umutima, bituma Cholesterole na trigycerdide bitarenga igipimo, ibimvyimba k’umubiri, ingorane zo mu ngingo, ubuvyibuhe burenze urugero, bivugwa mbere ko bishobora no gutuma iminkanyari igenda.

Abahinga mu bijanye n’imfungurwa bararushirijeho kugira amatohoza kubiterwa muri iyi imyaka iheze. Ukuri ni uko, inyuma y’umuco w’ivyigwa vy’ubushakashatsi bwakozwe, vyinshi muvyagaragajwe ni uko basanze ko mu bitungurusumu no mu bitunguru bisanzwe harimwo ubutunzi mu vyunyunyu bikingira amagara y’umuntu.
Ibitungurusumu n’ibitunguru bisanzwe bifise ibice 25 kwi 100 y’ivyunyunyu bisabwa cane gufungura kubakenyezi. Bifise n’igipimo ca vitamine C ifise amagarama 31,2 ku magarama 100 hamwe na vitamine B6 bifise amagarama 1,2 ku magarama100 bifasha gukingira umubiri k’ubumara bwoza buvuye ku bintu, bikanagabanya ingorane yo kuguma umuntu ahungabana « stress ».

Dukunze kubona ko n’iyo umuntu akase ibitunguru, bica bivamwo amazi. Arya mazi yavyo afise ubushobozi bwo kwoza amaso, binakingira amakanseri yo m’umuhogo, mu ruhogohogo, mu mara, y’agasaho k’imbuto z’abagore, birakingira kandi umutima n’imitsi y’amaraso.

Kuko n’iyo bishitse imitsi y’amaraso ikaziba, iyo ubifunguye irazibuka. Ubwavyo n’imboga zikwiriye. Kubw’abashakashatsi bo kw’ishuri kaminuza ya Milan, ivyo bitunguru vyose ni ingaburo ikwiye m’ugukingira umutima.
Icigwa c’abashinwa cakozwe, cerekanye ko ibitungurusumu vyongereza ama lipide y’amaraso. Bikagabanya igipimo ca cholesterol igera ku bice 5,4 kwi 100 n’ivya triglyceride igera ku bice 6,5 kwi 100, biragabanya n’impanuka z’umutima ku bice bigera 10 kwi 100. Ariko, kugira ivyo vyose bishoboke, umuntu ategerezwa kurya n’imiburiburi hagati y’amagarama 3 na 5 ku munsi canke hagati y’amagarama 10 na 15 bitetse.

Abaganga b’abongereza baragize icirwa ku miryango yubatse igera ku 543 isa n’ifise imyaka iri hagati y’imyaka 46 na 77, bafungura ibitandukanye, basanze ko iy’abakenyezi ifungura iminsi yose ibitungurusumu, usanga bafise amagara meza.
Kubafise amara yoroshe, vyiza borya ibitetse kuko vyoroshe gusya m’umushishito.

Kubanka kubifungura ngo bituma bagira mu kanwa hanuka, bokwihezwa ivyiza biri muri ivyo bitunguru vyose bagaheza bakaraba igisumba ikindi. Kugira akamoto kanaka mu kanwa, si ingorane kuko bahejeje kubifungura bashobora guca biyugumura mu kanwa canke bofungura ibimotesha mu kanwa nk’ijojo, ipipi n’ibindi, bikaba bikura akamoto mu kanwa umuntu atipfuza kugira.


Mariella Bukuru

Messages

  • Bwabundi Twahora Twirengagiza Tunguru Sumu Be Nibindi Bitunguru Aringaburo? Reka Nanje Ntangure Kubikoresha Kubwishi Nisunze Ayo Magarama Mwaduhaye Umuntu Yofata Kumusi.

  • Mfite Ikibazo Nkeneyeko Mumpera Inyishu Nkabantu Mwanonosoye Ivyamara Yabantu. Ok Ndi Umugabo Wimyaka 26 Mubuzima Bwamisi Yose Ndi Umurimyi, Ikinyobwa Nihereza Nicocose Kidasosa Nukuvuga Gihiye, Ibisosa Nkunda Ni Ivyamwa Gusa. Ikibazorero Mfise Niki, Maze Umwaka Nigice Nubatse Ariko Harikintu Kigomba Kunsenyera Urugo Naco Sikindi Nuko Iyo Ntanguye Gukora Amabanga Yabubatse Atanumunota Mara Maze Navyo Bigashavuza Uwotwubakanye Mbere Akanakeka Ko Nja Murugo Hari Ahandi Naciye Maze Nanje Nkababazwa Nuwo Mwikeko, None Nkamwebwe Muzi Vyishi Vyoba Biterwa Niki Kugirango Umuntu Arangize Vuba? Mbega Hoba Hariho Imiti Ibivura Hamwe Ushobora Kuyifata Maze Ugashimisha Uwo Mwubakanye Kuko Avyipfuza? Mbega Uwuyikeneye Yoyironka Gute? Kugiciro Kingana Gute? Ok Murakoze Ntegereje Ibisobanuro Nintererano Yanyu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.