IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > U Burundi bwakiriye ihayanishwa ry’utugenegene two mu bihugu vya Afirika (...)

U Burundi bwakiriye ihayanishwa ry’utugenegene two mu bihugu vya Afirika y’ubuseruko

mercredi 5 Kigarama 2012

Urunani Confederatoin of informal Sector Organisation far Buruindi CISO  rufashwe mumugongo na reta y’u Burundi ryaratunganije kuva kuri uyu wambere igenekerezo rya 2 Kigarama mu kigo ndangakaranga muse vivant,ihayanishwa ry’ivyakozwe n’abahinga bahurikiye mu bihugu bigize umryango wa Afirika y’ubuseruko. Iryo hayanishywa rika rizorangira kwigenekerezo rya 9 uku kwezi nyene.

Iryo hayanishwa rigizwe n’ibidandazwa bitandukanye harimwo ibirata akaranga k’ibihugu bihurikiye muri uyo muryango wa EAC.Muri ivyo hakaba harimwo ubuki , imitobe itandukanye ,ivyambagwa, n’ibindi. Harimwo kandi n’imiti kavukire itandukanye iva mu gihugu c’u Rwanda. Mwomenya ko ibiciro vy’ivyo bidandazwa vyashinzwe hisunzwe ikiguzi ndanguzi hamwe n’umwanya bifata mukubikora .

Uwurongoye urunani CISO, Djumapil i Radjabu yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’iryo hayanishwa ari ukumenyekanisha hamwe no kudandaza ivyakozwe n’abahinga hamwe n’abanyatugenegene b’abarundi , kuko baheza bakaronkeraho akanya ko kwidondora ,kwimenyekanisha ,no kumenyekanisha ivyo bahingura.Yarongeye kandi kumenyesha ko iryo hayanishwa ari irya karere. kubera ivyo rero ngo nta n’umwe akumiriwe muri iryo hayanishwa mugihe ari mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afirika y’ubuseruko.

Ariko naho amahayanishwa nk’ayo atunganywa , abahinga n’abanyatugenegene b’abarundi ngo baracahanzwe n’ingorane zitandukanye . Kubwa Djumapili Radjabu ngo abanyamyuga b’abarundi baribagiwe kuko atawubakurikirana,eka mbere ata n’uwubaha n’uburyo bw’amafaranga mugihe vyari bizwi ko kugira umunyamyuga akore vyiza abwirizwa kuba afise uburyo bukwiye .

Mu runani CISO rero ,nk’uko uwururongoye yabimenyesheje ,ngo bagiye guteza imbere imyuga no gutanguza n’imigambi ,bongere barondere abatanga infashanyo kugirango bashobore guhiganwa n’ibindi bihugu vyo muri kano karere. CISO rero yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira u Burundi bumenyekane neza kandi bugire ishusho nziza mu makungu .

Naho abanyamyuga b’abarundi bari mubihe nk’ivyo , Djumapili Radjabu yarakengurukiye bimwe bivuye ku mutima rete y’u Burundi kuruhara yagize mwitegurwa ry’iryo hayanishwa ; yaboneyeho no gutera akamo rete y’u Burundi ngo ishigikire urunani CISO kugira nayo ishobore gukurikirana neza abanyabuhinga be n’abanyatugenegene mu Burundi.


Ingabire Marie Claire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.