Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubudasa bw’igitsina bugiye gufatirwako mu gisata c’amagara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubudasa bw’igitsina bugiye gufatirwako mu gisata c’amagara y’abantu

Ubudasa bw’igitsina bugiye gufatirwako mu gisata c’amagara y’abantu

samedi 15 Ruhuhuma 2014

Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida bamenyesha ko mu gihe bariko baratunganya imigambi bagiye gufatira cane ku budasa busanzwe buri hagati y’ibitsina bibiri ku bagore n’abagabo, kuko basanze hari indwara zibangamira igitsina kimwe (genre) bivuye ku kungene umuntu asanzwe aremye, canke kuvyo asanzwe ajejwe gukora mu kibano.

Mu ruganda rwateguwe n’umugambi w’igihugu ujanye n’irondoka rijanye n’amagara meza kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2014, uwusanzwe arongoye uwo mugambi Juma Ndereye amenyesha ko kudafatira ku budasa bw’igitsina (genre) mu gutegura imigambi bishobora kugira ingaruka ku magara y’abantu. Akenshi rero abaganga barakunda gukurikiza cane akarangamutima k’umwuga wabo iyo bari mu kazi ka minsi yose, ariko ugasanga ntibafatiye ku kindi kintu gikomeye nk’akarorero igitsina (genre).

JPEG - 78.1 ko
Juma Ndereye

Mu migambi rero bazotegura bakaraba bafatiye kuri ubwo budasa, na cane nko mu vyerekeye ingene bakirwa, n’imyaka yabo. NK’akarorero, vyoba vyaragaragaye ko nk’abigeme bafashwe ku nguvu iyo bagiye kwa muganga bashima kwakirwa n’umuntu badasangiye igitsina n’uwamufashe ku nguvu, umuntu bashaka kunganya imyaka, kandi umuntu w’umwizigirwa kandi batava hamwe, kugira ivyo yituye kuri uwo muganga bimenywe n’uwo nyene gusa bayaze.

Urwo ruganda rero rwari urwo kurabira hamwe ivyavuye mw’isuzuma (autoévaluation) ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bwakoze ku vyerekeye ubudasa bw’igitsina mu kugira bongereze akanovera k’ubuvuzi basanzwebatanga.
Mu turorero tundi twagiye dutangwa ni nk’ibiharuro bimaze kuja ahabona vyibonekeje ko abakenyezi aribo bakunda kurwara ikiza ruhonyanganda Sida bivanye n’imvo nyinshi yaba iziva uko basanzwe baremwe canke bivuye ku bindi. Nk’uko Juma Ndereye yabimenyesheje, basanze ivyapa vyinshi bihimiriza icandagishwa ry’ibibondo biba biriko ivyandiko, ariko ugasanga nta kamaro bigira kuko abakenyezi benshi batazi gusoma n’ukwandika, tukaba tuzi ko abakenyezi aribo batwara abana kwa muganga.

Muganga Juma Ndereye amenyesha ko ari akaryo ko guhimiriza abo bose begwa n’ikibazo c’amagara y’abantu, hamwe n’abasanzwe bafasha muri ico gisata kugira mu gihe bariko baratora imigambi ntibaze baribagira gufatira ku budasa bw’igitsina, kuko no mu mategeko agenga agateka ka zina muntu, ubuzima ari uburenganzira bwa kiremwa muntu wese ata kuvangura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.