Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubudasa bw’imihwi n’ibindi vyamwa abantu bakunda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubudasa bw’imihwi n’ibindi vyamwa abantu bakunda

Ubudasa bw’imihwi n’ibindi vyamwa abantu bakunda

lundi 17 Ruheshi 2013

Inyuma yo gusoma ibi ntuzongera kuraba icamwa c’umuhwi nk’uko wahora.
Mu mihwi harimwo ubwoko bw’isukari butatu aribwo bwitwa mu kinyamazuru : sucrose, fructose na glucose. Iyo susukari rero ikaba ata ngaruka ifise ku magara y’abantu kubera itarinda guhingurwa. Ubushakashatsi bwerekanye ko imihwi 2 gusa itanga inguvu zikwiye ku bantu bakoze imyimenyerezo ikomeye canke kwinonora imitsi iminota 90.

Ntibitangaje rero ko umuhwi ari icamwa ca mbere ku bantu binonora imitsi biruka. Ariko rero, gutanga inguvu sico conyene umuhwi ushobora kubafashamwo, urashobora kandi kubafasha gukira ingwara zimwe zimwe canke kuzikinga.Twige rero kwama tuwutegekanya mu mfungurwa za misi yose.

Nguru urutonde rw’ingwara dushobora gukira canke gutezurirwa dufashijwe n’icamwa c’umuhwi :

Kuyinga : ivyirwa vyerekanye ko abantu benshi bafise iyo ngorane bumva bamerewe neza bahejeje gufungura umuhwi. Ni kubera umuhwi ufise muriwo ibintu vyitwa tryptophane, ikaba ari vitamine ituma umubiri uruhuka ukumva umerewe neza mu mubiri no mu bigumbagumba.

Gukama amaraso : umuhwi ufise muriwo fer kandi urafasha mu gutanga ibintu bikwiye mu mubiri mu kwongereza amaraso.

Kugumirwa mu nda : umuhwi urafasha mu kworosha mu nda. Dkwiye kuwushira mu mfungurwa za misi yose kubera ugabanya ukugumirwa utarinze gufata imiti.

Kwumva umenga uriko urasha mu mushishito : iyo wumva umenga uriko urasha canke uriko urababara mu mushishito, geragaza gufungura umuhwi kugira ugabanye kubabara.

Iseseme yo mu gatondo : gufungura umuhwi hagati y’amasaha yo gufungura biratuma umubiri umererwa neza kandi n’isukari yo mu mubiri iguma hamwe, biranafasha guhagarika iseseme yo mu gatondo.

Kuvyibuha birenze urugero : birakenewe ko dukurikirana isukari yinjira mu mubiri wacu kuko ni kimwe mu bituma umuntu avyibuha, kandi rero umubiri nawo urakeneye isukari. Isukari dusanga mu muhwi niyo yonyene ishobora kutagira ingaruka mbi ku magara yacu.

Igikomere c’umushishito : umuhwi urakoreshwa mu kurwanya ingwara zo mu nda. Nico camwa umuntu ashobora gufungurra ntamererwe nabi iyo afise ingorane yo mu nda. Imihwi irarinda kandi umushishito mu guhagarika irwirirana rya acide.

Ubushuhe bw’umubiri : nk’ibindi biterwa, umuhwi urashobora kugabanya ubushuhe bw’umubiri n’ibigumbagumba vy’umugore yibugenze, nko mu gihugu ca Tayirande, abagore benshi bibungenze barawufungura kugira bibaruke abana bafise ubushuhe buke.

Abantu bashaka guheba itabi : umuhwi urabafasha kubera urafise ibintu bishobora gusubirira inyota y’itabi canke ico itabi rikora mu mubiri w’umuntu yarimenyereye.

Umutima : ivyirwa vyerekanye ko umuhwi ushobora kugabanya igitigiri c’abantu bapfa kubera umutima.

Umuhwi rero ni icamwa gifise akamaro kanini cane tugereranije n’ibindi vyamwa twibaza ko bifise akamaro nka pomme n’ibindi. Ufise ibintu vyose umubiri wacu ukeneye. Twige imico myiza yokwama tuwufungura misi yose.


Dorine Irambona

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.