Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubugaru: indwara y’ubumuga bukira iyo buvuwe kare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubugaru: indwara y’ubumuga bukira iyo buvuwe kare

Ubugaru: indwara y’ubumuga bukira iyo buvuwe kare

lundi 3 Ruheshi 2013

Mu gihe mu Burundi baramutse bahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’ubugaru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013, abahurikiye mu mashirahamwe y’abagendana ubumuga batunganije umusi wo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye iyo ndwara.

Ubugaru rero n’indwara y’ubumuga umuntu avukana ariko iyo ivuwe ku myaka iri munsi y’ibiri, umwana arakira neza agasezera ubwo bumuga.
Nk’uko amatohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu kw’isi OMS hamwe n’ibanki y’isi yose avyerekana, abantu bagera ku bice 15 kw’ijana kw’isi yose bagendana ubumuga.

JPEG - 124.4 ko
Abana barwaye indwara y’ubugaru bariko baravurwa, bambitswe uturato tubagorora

Ubugaru rero ngo n’indwara ivugwa igakira iyo umuvyeyi w’umwana amwitayeho akamuvuza atarashikana imyaka ibiri. Iyo naho abavyeyi bayifashe minenerwe ntibavuze umwana ashobora gukura akaba uwugendana ubumuga kandi yari gukira.

Nk’uko rero ayo matohoza abandanya abivuga, ibice 80 kw’ijana vy’abagendana ubumuga bari mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere canke bikirimwo ingwano. Ibice 75 kw’ijana usanga bafise ubumuga bwo ku maguru canke ku maboko, 20 kw’ijana ntibabona canke bakabona ariko ntibabone neza, 8,33 kw’ijana nabo ni abatumva.

Umuntu amugaye rero kenshi abantu babona ko ari umuntu ateye ikigongwe, ar’uwo gufashwa bigatuma babakumira mu mibano. Ariko siko bikwiye kumera kubera nk’uko vyashikirijwe na Gilbert Bizimungu yatanze icigwa, hari vyinshi bashoboye kandi n’abakomeye batoshobora. Akarorero arashobora kurusha amanota mw’ishure abana bakomeye nawe agendana ubumuga.

JPEG - 95.1 ko
Gilbert Bizimungu yatanze icigwa

Kubw’uwundi muhinga yatanze icirwa, ikibano naco gituma abagendana ubumuga bihebura kurusha kubera ko bakunda kubakumira. Yatanze akarorero k’abavyeyi bashobora kugumiza abana babo muhira bibaza ko ataco bashoboye ariko kenshi vyaragaragaye ko ari abo bavyeyi bababera intambamyi kuko abandi biga bagendana ubumuga barabishobora bakarangiza amashure yabo ata ngorane.

Barangije bahanura abo bose bibwira bati kanaka ni ikimuga kuko ikimuga ari ikintu ariko atari umuntu. Bikaba biri mu bintu vya mbere bibabaza abo bagendana ubumuga. Abantu bari bakwiye kumenyera kuvuga ko kanaka agendana ubumuga ariko ntibasubire kuvuga bati ni “Ikimuga”


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.