Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubugeni bw’abasangiye ibitsina bwemerewe mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubugeni bw’abasangiye ibitsina bwemerewe mu Bufaransa

Ubugeni bw’abasangiye ibitsina bwemerewe mu Bufaransa

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Mu gihugu c’Ubufaransa baraye bemeje itegeko riha uburenganjira abasangiye ibitsina kwubakana, inyuma y’impari nyinshi zari zimaze imisi hagati y’abatumva kumwe ico kibazo muri ico gihugu, harimwo na ekreziya gaturika yari yavyamiriye kure. Abashingamateka 225 nibo baritoye kuri 331 baryanse.

Biteguwe ko François Hollande, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, atera umukono mu misi ya vuba kuri iryo tegeko ryaraye ritowe, gutyo abasangiye ibitsina bace batangura kwubakana icese, mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi, umwaka w’2013.

Naho biri uko, abadashigikiye iryo tegeko bamenyesha ko badacitse inkokora, ko bazobandanya gusaba ko iryo tegeko ryohagarikwa. Bavuga ko imyiyerekano yari iteguwe ku genekerezo rya 26 Ruheshi 2013 izohaba kandi ko izokwitabwa n’abantu barenga umuliyoni.

Christian Jacob, umukuru w’umurwi w’abashingamateka bo muri UMP, yariyamirije iryo tegeko ryemejwe na bagenzi web o mu nama nshingamateka, aho yagaragaje ko iryo tegeko rije kubuza umugabo kuba umugabo, n’umugore kugumana akaranga kiwe k’umugore. Bompi batakaje izina ryo kwitwa umwe serugo, uwundi inarugo. Nico catumye abo batabishigikiye bitura Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Abahinga bakaba bahebuza abo bamirira kure iryo tegeko ko amahirwe ari make.

Twobamenyesha ko igihugu c’Ubufaransa kigize ica gatatu i Buraya n’143 kw’isi yose, mu kwemera ubugeni bw’abasangiye ibitsina.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.