Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuhindi: Umusore yahebwe n’uwo bagomba bubabakane kuko ananiwe 15+6 ico (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ubuhindi: Umusore yahebwe n’uwo bagomba bubabakane kuko ananiwe 15+6 ico (...)

Ubuhindi: Umusore yahebwe n’uwo bagomba bubabakane kuko ananiwe 15+6 ico bitanga

samedi 14 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu gihugu c’Ubuhindi hari umugeni yahagaritse ubukwe bwiwe bitewe n’uko umugabo wiwe atamashure afise.

Igiporisi mu Buraruko bw’Ubuhindi kivuga ko umugeni yavuye mu bukwe arigira, bitewe n’uko umugabo wiwe yananiwe ibiharuro(Guharura bisanzwe). Uwo mugeni yamubajije cumi na gatanu guteranya gatandatu, ico bitanga. Umugabo atanze inyishu itariyo mu kuvuga ati: indwi, umugeni yaciye ahagarika ubukwe avuga ko bigaragara neza ko uwo musore ata mashure afise.

Igiporisi mu ntara ya Uttar Pradesh, aho ubwo bukwe bwariko burabera, kivuga ko cafashije kugira utuganuke hamwe n’ibindi vyose vyari vyatanzwe, bisubizwe.
Mu kwezi guheze, ubundi bukwe mu Buhindi bwavugishije benshi aho umugeni yubakanye n’umutumire mu bukwe, bitewe n’uko uwo bari kwubakana yafashwe n’intandara.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.