Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumara bubi bw’agakoko bise “Signoline​” ku rukoba rw’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubumara bubi bw’agakoko bise “Signoline​” ku rukoba rw’abantu

Ubumara bubi bw’agakoko bise “Signoline​” ku rukoba rw’abantu

jeudi 15 Rusama 2014

Agakoko bise “Signoline”, gafise amabara atukura n’ayaribura, kamwe mu dukoko dutoduto tubangamira amagara y’abantu biciye mu bumara gatera ku rukoba.

Nk’uko tubimenyeshwa na muganga Mupera Elie, umuhinga mu bijanye no kuvura indwara zo ku rukoba, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa 15 Rusama 2014, agakoko bise “Signoline”, n’agakoko gafise ubumara bufise ingaruka mbi ku magara y’abantu. Agakoko Signoline, kari mu bwoko bw’udukoko bw’ama cantharide, dutoduto, kiyadukiza mu gutera abantu, kakaba katagira n’igihe catwo co gutera abantu. Gakunda ahantu hameze nk’ishamba, ahari ibiti n’ivyatsi vyinshi, mu kirwi c’abantu benshi, ahantu atasuku rihari. Gakurikira cane cane aho umuco uri, akenshi kagakunda gutera ari mw’ijoro, kuko ariho kinyegeza mu gutera umuntu.

Kubijanye n’ukungene gasiga ubumara ku rukoba, Muganga Mupera, avuga ko iyo kaje k’umubiri w’umuntu, uyo nawe agaca akifyonderako ku rukoba, aho gaciye, kaca kahasiga ubumara bwako, ari naho haca havamwo uduhere turimwo amazi, umubiri ugaca ufurutira. Ku bivurwa ko agakoko Signoline koba kica mu gihe umuntu yoba yakanyoye mu mazi, yagafunguye mu mfungurwa atabizi canke agakoza intoke ku munwa yamye aragakorako, muganga Mupera Eliya atanga umuco avuga ko gushika ubu mu matohoza yakozwe, ko atawe karica ariko ko gafise inkurikizi mbi mu bihimba vyo mu mubiri mu gihe koba kinjiyeyo.

Zimwe mu nkurikizi zishobora guca zibonekeza ku muntu kubw’ubumara kaba kinjije, ni nko gutera indwara y’amafyigo, umuhogo aho kaciye, insogi, guhitwa canke no gucibwamwo.

Muti none hokorwa iki mu gihe umuntu yokabona kaje ku rukoba rwiwe kugira yirinde ubumara bwaja k’urukoba?

Ku bwa muganga Mupera, kugahuha umuntu atarinze kugakorako n’intoke, hamwe no gukaraba n’isabuni umwanya muremure zo kwa muganga (antiseptique) aho kaba kaciye ku rukoba, hamwe no kuhahanagura n’imiti ihavura, nibwo buryo bwiza bwo kugakurako neza kugira ubumara bwako ntibusigare kurukoba aho gaciye. Mu kukirinda naho, hakenewe guca ibiti n’ivyatsi biri hafi y’amazu kuko ariho bukunda kuba buri akneshi.

Mwomenya ko udukoko bise “Signoline” tuba mu bihugu vyose vyo kw’isi, tukabangamira cane cane ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere, kuko ataburyo buteye imbere bwo kubutuza kanke kubwirinda buba buhari.

Muganga Mupera, umuhinga mu bijanye no kuvura indwara z’urukoba ahamagarira abantu gukurikiza amabwirizwa y’isuku kubidukikije mu gukura ishamba n’ibiti ahegereye amazu, uwo kagiyeko nawe akivuza hakiri kare bitaramutera n’izindi ndwara zivuye ku bumara bwatwo.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.