Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubunyamwema bwoba bufata abirabure gusa? Buza kuki? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubunyamwema bwoba bufata abirabure gusa? Buza kuki?

Ubunyamwema bwoba bufata abirabure gusa? Buza kuki?

samedi 5 Ndamukiza 2014

Ubunyamwema, ni ukuvuka utagira icunyunyu bita "melanine" mu mubiri. Ico cunyunyu gituma urukoba rw’umubiri rwirabura, kandi rugakingirwa imishwarara y’izuba. Ivyo bikaba biva ku bavyeyi baba bafise ingorane muribo yo kutagira ama "gene" atuma "mélanine" ibaho.

Ubunyamwema ni indwara y’urukoba yibonekeza mu bihugu vyose vyo kw’isi n’Uburundi burimwo. Mu matohoza aheruka gukorwa ku ndwara y’ubunyamwema mu Burundi, ku ntara 14 z’igihugu, abantu barenga amajana umunani nibo basanze bagendana indwara y’ubunyamwema. Intara iza ubwa mbere irimwo abanyamwema benshi, akaba ari intara ya Muyinga ifise abagera kw’ijana na cumi na batandatu.

Nk’uko tubimenyeshwa na Eric Akira asanzwe ari mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya indwara z’akaronda mvukanwa, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, indwara y’ubunyamwema iri mu bwoko bubiri. Hari iyo bita mu rurimi rw’igifaransa "Albinisme oculaire" yibonekeza mu maso gusa kubayanduye, hakaba niyo bita "albinisme oculo-cutanee" ifata umubiri wose. Iyo ya kabiri ikaba ariyo isinzikaza ningoga, kuko ihera kuva ku mushatsi gushika ku maguru.

Kubibaza ko hoba hari itandukanirizo ry’abanyamwema bakomoka ku birabure n’abakomoka ku bazungu, Eric Akira, amenyesha ko ata tandukaniro rihari kubera ko inkwezi y’iyo ndwara ari imwe. Iyo nayo akaba ari ukutagira icunyunyu "mélanine" mu mubiri.
N’ngorane abanyamwema bahura nazo kubera urukoba bafise nta tandukaniro rihari haba ku bakomoka ku birabure canke ku bazungu. Zimwe muri izo ngorane zivuye ku rukoba akaba ari : ukutabona neza kw’amaso, ukutamara umwanya muremure ku zuba, iyo bakomeretse naho, ibikomere vyabo bikwega izindi ndwara nkaza kanseri zituma mbere baca bapfa kare.

JPEG - 28.8 ko
Eric Akira

Mu kibano, abanyamwema bafatwa nk’ibihume, hari nabibaza ko yoba ari igihano kiva ku mana, bagakumirwa biboneka. Mu buzima bwa minsi yose, bafatwa nk’abantu ataco bashoboye, ataco bomarira igihugu, ntibaronswa ubuzi co kimwe n’abandi bakomeye. Baburonse naho, barinubwa biboneka eka mbere n’imiryango yabo ntiberekwe.
Eric Akira ahamagarira ubutegetsi bw’Uburundi gushinga amategeko akingira abavukanye ubunyamwema no gutegekanya ivya nkenerwa vyobafasha kubaho nk’abandi.

Kubagendana iyo ndwara nabo, basabwe kwirinda izuba rituma urukoba rwabo rusinzikara, bakambara inkobero n’amarori abarinda imishwarara y’izuba. Iyo bagiye ku zuba naho, basabwe kwisiga amavuta yagenewe gukingira urukoba rwabo, bakibangikanya umutaka canke ntibamare umwanya muremure ku zuba.

Mwomenya ko abagendana indwara y’ubunyamwema mu Burundi, ibice 80 kw’ijana ari urwaruka ruri munsi y’imyaka 24 y’amavuka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.