Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubunyamwema, imwe mu ndwara zisinzikaza urukoba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubunyamwema, imwe mu ndwara zisinzikaza urukoba

Ubunyamwema, imwe mu ndwara zisinzikaza urukoba

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Ubunyamwema ni indwara y’urukoba mvukanwa y’akaronda (génétique), indwara ngendanwa ifata abantu n’ibikoko ikaba kandi itaraba ubwoko bw’umuntu canke amamuko y’igihugu aturukamwo.

Mu matohoza yakozwe ku ndwara y’ubunyamwema, umuntu umwe ku bantu ibihumbi cumi n’indwi niwe ayivukana ikaba kandi yibonekeza mu bihugu vyose vyo kw’isi.
Eric Akira, ajejwe gutunganya ibikorwa mw’ishirahamwe ABLD ryinshinze kurwanya indwara y’akaronda (Drépanositose), hamwe n’izindi ndwara z’urukoba mvukanwa, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, kuri uwu wa kane wa 3 Ndamukiza yatanze umuco ku bijanye n’indwara y’ubunyamwema, ingene ifata, ibiyiranga n’ingene abayanduye bokwigenza.

Indwara y’ubunyamwema ni indwara iterwa no kutagira icunyunyu mu mubiri bita "mélanine". Ico cunyunyu nico gituma urukoba rw’umubiri rukingirwa mukugabanya n’imishwarara y’izuba yinjira mu mubiri. Ico cunyunyu gituma kandi abirabure bagira urukoba rwirabura, imishatsi yizinze n’imbonero y’ijisho yirabura. Bivurwa ko abantu bafise urukoba rwirabura cane bafise mélanine nyinshi mu mubiri wabo ibikangira imishwara y’izuba, kurusha abantu bafise umubiri w’inzobe.

Muti none kugira umwana avuke ari umunyamwema biba vyagenze gute?

Kugira umwana avuke ari umunyamwema, n’uko iyo abavyeyi bahuye, bagakora amabanga mpuzabitsina, umwe muribo canke bose uko ari babiri bafise ingorane yo kutagira ivyo bita ama "gene" atuma mélanine ibaho mu mubiri, umwana bibarutse aca avukana ubunyamwema.
Ikindi naco, kuvyara umwana afise ubunyamwema, ntibirinda ko umuvyeyi aba afise urukoba rw’abanyamwema kuko hari n’abafise urukoba rwirabura ariko bafise "gene" y’ubunyamwema muribo. Ubushakashatsi kuri iyo ndwara y’urukoba burerekana kandi ko bishoboka ko umunyamwema ashobora kuvyara umwana afise urukoba rwirabura, mu gihe yubakanye n’uwukomeye afise mélanine muriwe.

Ku bibaza naho ko indwara y’ubunyamwema ari indwara y’abirabure gusa, Eric Akira amenyesha ko n’abafise urukoba rw’abazungu baterwa nabo n’iyo ndwara, kuko nabo iyo bubakanye ata mélanine bafise muribo ibakingira izuba, bayandura co kimwe n’abirabure.

Hoba hari itandukanirizo ry’abanyamwema bakomoka ku birabure n’abakomoka ku bazungu? Canke hoba hari itandukanirizo ku ngorane bahura nazo ku rukoba bafise rudasa n’urw’abandi bakomeye? Ni inkuru tuzogarukako hanyuma


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.