Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo aba star batandukanye bahimbaje umunsi w’abakundana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Uburyo aba star batandukanye bahimbaje umunsi w’abakundana

Uburyo aba star batandukanye bahimbaje umunsi w’abakundana

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Nk’uko abantu bamwe bamwe bafise abakunzi bagiye bagaragaza uburyo bakunda abo bagendana ku munsi w’abakundana, n’ibihagange bimwe bimwe mu muzika bagaragaje ku mbuga ngurukana bumenyi zabo amafoto berekana uburyo bahimbaje uwo munsi.

Ku munsi w’abakundana ariwo bita "Saint Valentin", ibihagange bitandukanye bagiye bagaragaza amafoto yabo yerekana uburyo bahimbaje umunsi w’abakundana. Ayo mafoto yaraherekejwe n’amajambo atandukanye kuri bamwe, bipfuriza umunsi mwiza w’abakundana.

Chris Brown ari kumwe n’umukunzi wiwe Karrueche Tran, aripfuriza umunsi w’abakundana mwiza, mbere agashimira umukunzi wiwe uburyo amwitaho ko anamukunda.

Nick Jonas nawe aripfuriza umunsi mwiza w’abakundana, akerekana uwo yitwa valentine wiwe n’uburyo bayihimbaje mbere akambwira umukunzi wiwe ko ari mwiza.

Oprah yakoresheje ifoto y’amashurwe yahawe kugira yerekane uburyo yahimbaje umunsi w’abakundana.

Britney Spears wewe yerekana ifoto y’umutsima (gateau) iriko umutima umukunzi wiwe yamuhaye mu buryo bwo kumwereka ko amukunda nk’uko yavyanditse kuri uwo mutima

Miley Cyrus nawe nyene yahimbaje umunsi w’abakundana n’umukunzi wiwe Patrick Schwarzenegger, mbere agaragaza akaganuke umukunzi wiwe yamuhaye kuri uwo munsi.

Beyonce yashize ku rubuga rwiwe ifoto n’umukobwa wiwe Blue Ivy ku munsi w’abakundana, aho yerekana uko yawuhimbaje.Jay-Z nawe ashirako ifoto n’umukunzi wiwe Beyonce bariko baratembera.

N’ubwo benshi bahimbaza umunsi w’abakundana hamwe n’abakunzi babo, Jennifer Lopez wewe yahisemwo guhimbaza uwo munsi hamwe n’abana biwe mbere avuga ko abana biwe ari bo Valentine yiwe.

Michelle Obama nawe ntiyatanzwe gushira amafoto y’umugabo wiwe ku rubuga mbere abwira umugabo wiwe ko azohora ari valentin wiwe igihe cose.

Na Kim Kardashian yashizeko amafoto yerekana uburyo yahimbaje umunsi w’abakundana, aho yagaragaje ifoto y’umukobwa wiwe yerekana ibirato bamuguriye kuri uwo munsi mbere akavuga ko umukobwa wiwe yabikunze. Kim Kardashian ashirako n’ifoto y’umugabo wiwe Kanye West yerekana uburyo valentin wiwe yahimbaje umunsi w’abakundana ariko aratanga ibirato vy’adidas ku bakunzi biwe, akongerako avuga ko ari mpavu amukunda.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.