Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bushasha bwo kuvura hakoreshejwe ubuhinga bwa none - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uburyo bushasha bwo kuvura hakoreshejwe ubuhinga bwa none

Uburyo bushasha bwo kuvura hakoreshejwe ubuhinga bwa none

mercredi 25 Nyakanga 2013

Mu ntumbero yo guteza imbere uburyo bwo kuvura no gushikira ni ngoga abanyagihugu kugira babavure vyoroshe, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwifadikanije n’ayandi mashirahamwe abibafashamwo, batanguje uruganda kubijanye n’ikoreshwa ry’ubwo buhinga bwa none.

Muri urwo ruganda, abatanze ikiganiro bashoboye gusigurira abitavye inama intumbero y’ubwo buryo bwa none n’ubwo abasanzwe bakora mugisata kiraba ivy’ubuhinga bwa none batashoboye kuhashika. Bimwe mu ntumbero, akaba ari guteza imbere uburyo bwo kuvura, gukurikirana ibikwa ry’imiti isanzwe ikoreshwa, gukoresha uburyo bunyaruka mu kuvura, gushoboza abipfuza kubonana na muganga kumuronka vyoroshe be no gukomeza uburyo bwo guhanahana amakuru hagati y’umuganga nabashaka kumwitura.

Muganga Irenée Ndabagiye, umuhuzabikorwa m’ubushikiranganji bw’amagara y’ abantu, ari no mubatanze icirwa, yamenyesheje ko urwo ruganda rwari rwerekeye abari mu bisata bitandukanye vy’amagara y’abantu, abari mu bisata biraba ivy’ubuhinga bwa none no gutumatumanako amakuru eka nabo bose bitura abaganga, intumbero y’inama akaba yari kwerekana inkomezi ubuhinga bwa none bufise mu kuvura mu buryo bworoshe kandi bunyaruka.

Ati, ubwo buryo bushasha bwo kuvura hakoreshejwe ubuhinga bwa none, buje gusanga ubundi buryo bwari busanzwe bukoresha nko guhanahana amakuru batarishe kurabo bitura abanganga, kurungikiranira ubutumwa ku mahera make no guhamagarana batarishe. Ku bwiwe, ubuhinga bwa none bugiye kuzana akarusho kuko nk’abavyeyi bashaka kwibaruka vyagora gushika kwa muganga ni ngonga, bazoshobora guhamagara bitagoranye, mbere no ku ruhande rw’abaganga baronke abo bavura vyoroshe.

Yashimye intambwe ubwo buryo bushasha bugezeko, aca avuga ko bugiye huhindura vyinshi mu gisata c’amagara y’abantu na cane cane ko abashaka kwitura muganga bazobaronka vyoroshe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.