Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo butanu bwo kwirinda ibihute hagati mu maguru hafi y’igitsina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uburyo butanu bwo kwirinda ibihute hagati mu maguru hafi y’igitsina

Uburyo butanu bwo kwirinda ibihute hagati mu maguru hafi y’igitsina

lundi 26 Rusama 2014

Mu matohoza yakozwe, igitsina gore kimwe kuri bibiri hamwe n’igitsina gabo kimwe kuri bine, nibo babangamiwe n’ibihute bifata hagati mu maguru, hafi y’igitsina.

Nk’uko bishikirizwa n’abahinga mu gisata c’ubuvuzi kiraba indwara zo ku rukoba, ibihute bibangamira hagati mu maguru hafi y’igitsina, kuko ari ahantu hinyegeje kandi haguma hatose. Vyigaragaza igihe udutsi tugize umubiri w’aho hantu hari imirindi y’amaraso myinshi iba yameze nkiyitagira inguvu. Ni ukuvuga ko ari mu gihe imitsi igize imirindi y’amaroso yo hagati mu maguru hafi y’igitsina iba itariko irakora neza.
Abanonosoye indwara zo ku rukoba bakavuga ko imvo z’utwo duhere tuvyimba tukavamwo n’ibihute, akenshi ari urukurikirane rudahera rwo kubura inguvu kw’udutsi turi hagati mu maguru. Ariko ibitera nyamukuru ibivyimba hagati y’amaguru, akaba ari ukugira ibinure vyinshi mu mubiri hamwe no kutagira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi.

Zimwe mu mpanuro zokurikizwa mu kwirinda bene ivyo bitute bifatira hagati mu maguru hamwe no kugabanya ububabare buza buba bwatewe navyo, hari :

1) Ukwirinda kwambara ibirato birebire na cane cane ku bakenyezi : Ibirato birebire bitiriganya uturingoti tw’imitsi yo mu maguru, tukagenda turata inguvu zatwo mu gukora. Mu kibuka ko mu ntango twabonye ko ivyo bihute biterwa n’ukungene imitsi yo hagati mu maguru iba yataye inguvu zo gukora (affaibli).

2) Kwirinda kugerekeranya amaguru iyo hageze kwicara.

Abaganga bavuga ko iyo umuntu agerekeranije amaguru mu kwicara, ni ukuvuga kugereka ukuguru ku kundi, bibuza amaraso kuduga mu mutima, bigaca bituma bitanoroha no mu kuyajana mu mitsi yo mu mubiri wose.

3) Kwirinda kwambara impuzu zifata cane umubiri

Impuzu zifata cane umubiri na cane cane amapantaro, zituma amaraso ahagarara, ntanatembere na neza mu mubiri. Aha bikaba bihanuwe ko umuntu yokwirinda kwambara impuzu iyariyo yose ifata cane amaguru. Bikavurwa mbere kandi ko kubama bambaye amapantaro afata cane, bituma n’amaguru agenda aranyunyuka.

4) Kwirinda kuguma hamwe umwanya munini ataco uriko urakora

Kwinonora imitsi, niwo muti wa mbere utuma umutima ukora neza mu gutera, ivyo bikorohereza n’imirindi y’amaraso mu kujana amaraso mu mubiri. Ukwinonora imitsi gutuma kandi n’imitsi yo mu maguru ikomera gusumba, kukarinda no guhagarara kw’amaraso aba yagandanye mu mubiri.

5) Gufungura neza

Mu matohoza yakozwe ku barwaye ibihute vyo mu maguru, basanze abageramiwe gusumba, ari abantu bafise ibinure vyinshi. Bagahanura umuntu yoba afise ingorane z’ibinure birenze kuvyo yategerezwa kugira, ko yorondera uburyo bwo kubigabanya, mu gufungura indya zitagira ibinure vyinshi. Nko gufungura imfungurwa zituma amaraso atembera neza na cane cane (imboga n’ivyamwa), izirimwo vitamine C na zinc, batibagiye kuza baranywa amazi menshi.

Mwomenya ko iyo ibihute bigumye biza hahandi nyene, bishobora kwandurukamwo naza kanseri kubw’amashira azanana n’imigera aguma ahaja, ari nayo mpamvu bisabwe gukurikiza mwene izo mpanuro abaganga batanga.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.