Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bwo kwirinda indwara ya Cancer - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uburyo bwo kwirinda indwara ya Cancer

Uburyo bwo kwirinda indwara ya Cancer

vendredi 25 Nzero 2013

Umubiri wacu ugizwe n’uduce twinshi dupfa hanyuma tugasubira tukabaho gushasha , iyo utwo duce tugwiriye ku rugero rurengeye canke tukaba dukeya ,n’ukuvuga ko igice c’umubiri kirimwo utwo duce gica gifatwa n’indwara ya cancer.None icoba gituma ivyo bishika ni igiki ?Umuntu yovyikingira gute ?Uburyo bwo kuvura iyo ndwara buriho gushika ubu bwoba ari ubuhe ?

Ibitera indwara ya cancer rero n’ibi bikurikira

Ico umuntu yokwirinda gusumba ibindi n’ukunywa itabi ,akagabanya kunywa inzoga , kuko ngo inzoga n’itabi biri mu bintu vyambere bituma abantu bahitanwa n’indwara ya cancer .Hari ubwoko bwa cancer usanga zishobora kuronka umuti mugihe abaganga bashoboye kuyibona ariho igifata umuntu,izo nazo ni cancer,yo mumara,cancer yo mw’ibere na cancer yo mu gasaho k’amagi k’umwigeme canke k’umukenyezi.

JPEG - 9.1 ko

Ariko rero kugirango umuntu ashobore gukira izo cancer n’uko aba yatanguye gufata umuti bakibona ibimenyetso vy’iyo ndwara muri we , kugirango bishoboke rero bigasaba ko umuntu aza aripimisha hafi na hafi kugirango bishitse ikamufata umuganga abone imigera yayo hatararengerana .

Ni gute none umuntu yokwingira iyo ndwara ?

Uko umuntu afungura mu buzima bwiwe bwa misi yose birashobora kumufasha kwirinda indwara ya cancer,kuko ivyigwa vyagizwe n’abahinga vyerekana ko infungugwa zishobora gutuma cancer igwirirana mu mubiri w’umuntu gushika ku bice 50%.Umuntu rero ngo yo kwitwararika gufungura neza,agafungura kenshi,ivyamwa,imboga ,agafungura ibirimwo ivyo bita( oméga-3et fibres) mu rurimi rw’igifaransa,akagabanya kurya inyama,kugira ngo ntagire ibiro birenze kuko ngo navyo bishobora gutera indwara za cancer n’indwara z’umutima.

Uburyo bwo kuvura indwara ya cancer

Gushika ubu indwara ya cancer ,kugirango bayivure bakoresha uburyo bwo kubaga aho babonye imigera yayo mu mubiri w’umuntu,barashobora kandi gutera umugwi imiti yica imigera itera cancer,ivyo bita chimiothérapie mu rurimi rw’igifaransa.Ubundi buryo bakoresha nubwo guturira ahamaze gufatwa n’iyo migera ya cancer kugira babuze ko iyo migera ibandanya ikwira mu mubiri w’umugwayi,ivyo bita radiothérapie mu rurimi rw’igifaransa.Hariho kandi n’ivyo bita imminothérapie,muri ubwo buryo bakaba batera umuti umuntu kugirango bakabure abasoda b’umubiri bashobore kwigwanira iyo migera ya cancer.

Gushika ubu rero akaba atamuti canke uru canco rugwanya vyukuri indwara ya cancer biraboneka , ni naco gituma umuntu yokora ibishoboka vyose kugirango ayikingire.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.