Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo umuntu akuze yogumana umubiri usesutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uburyo umuntu akuze yogumana umubiri usesutse

Uburyo umuntu akuze yogumana umubiri usesutse

lundi 10 Ruheshi 2013

Abantu benshi ntibakunda ko baboneka nk’abashaje n’ubwo baba bafise imyaka itari mike. Eka n’abakiri bato barondera kuguma banonotse n’ubwo imyaka idahagarara.
Ubushakashatsi buheruka gukorwa bwarerekanye ko imyaka umuntu aba afise iboneka bivanye n’ibintu vyinshi.

Aho twovuga ibimenyetso vyo mu maso umuntu agaragaza hamwe n’ukungene agaragaza ivyiyumviro vyo mu mibereho yiwe. Bimwe mu vyagaragajwe n’ubushakashatsi vyerekana uburyo umuntu yoguma afise umubiri usesutse:

1. Kwinonora imitsi

Hari abibaza ko kwinonora imitsi bigira ikimazi gusa mu mubiri indani. Bivugwa ko iyo umuntu yinonora kenshi, ivyo navyo bikaba bidasaba kuja mw’ikararashishi ya minsi yose, agira umubiri mwiza kuko imitsi iba ihema neza kandi igororotse.

2. Kunywa amazi menshi

Amazi ntakenewe gusa iyo umuntu anyotewe canke ayashatse. Mu vyigwa vyakozwe, iyo umuntu anyoye amazi agira amagara meza kuko yoza mu mubiri. Na bamwe baba bakunda gukarirwa n’uduhere two mu maso canke ibivyimba vyo ku mubiri, birahera kubw’amazi menshi baba banyoye. Ivyiza rero n’uko umuntu yoyitwararika ahagiye yose akayanwa aho agombeye, umubiri utarayisabira. N’imiburiburi, bahanura ko yonywa iritiro imwe n’inusu ku munsi.

3. Kuguma utwenga

Kurya abana bato babigisha kuvuga, bakabigisha gusoma no kwandika, umuntu wese yari akwiye kwiga kuza aratwenga. Kenshi abantu barihenda mu kwibaza ko botwenga mu gihe c’umunezero gusa. Rondere akaryo kobatuma mwotwenga umwanya uwariwo wose.
N’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buremeza neza ko gutwenga bituma umuntu amererwa neza, mu maso hiwe haguma hakeye, eka mbere agatumberwa na benshi. Gutwenga bituma umuntu adasaza n’ingonga.

4. Kwiha amahoro

Ingorane ziri mu bituma umuntu asaza kare. Muti gute? Iyo umuntu yiyumvira cane ibimubakiye, aguma yijiriwe n’umutima wiwe ntuheza ngo utekane. Gutwarwa n’imyitwarariko y’imibereho bituma utiyumvira ivyomuteza imbere.
Namba uri mu bihe vy’imibabaro, canke amagara atakumereye neza, abahinga baraba ivy’umutima bahanura ko woca uraba nkatwa tureresi dutwenza canke ukagenda ahantu hasa neza hagutuma wipfuza no kurondera kuba mu bintu vyoguha amahoro.

Kugira imyaka mike, sico cerekana ko umuntu akiri muto kuko ashobora kugira imyaka bita ko ari mike ariko yiyumvira nk’abashaje. Ukegene abantu bitwara mu mibereho yabo birashobora kugaraza imyaka baba bafise. Umuntu akurikije izo mpanuro zihejeje gutangwa, azosanga akingiye ubuzima bwiwe yongere ashike kuvyo yoba yipfuza mu migambi ya kazoza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.