Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatanguye ibikorwa vyo gupompa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatanguye ibikorwa vyo gupompa (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatanguye ibikorwa vyo gupompa ibisigarira vy’isoko

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’indwi iheze isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera ,ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida bufadikanije n’umuryango utabara imbabare Croix Rouge baratanguye ibikorwa vyo gupompa ahahoze isoko mu ntumbero yo gukinga indwara zishobora kwaduka kubera ivyahiriye muri ico kibanza.

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma , 2013 niho hatangura ibikorwa vyo gupompa ibisigarira vy’isoko nkuru ya Bujumbura kugirango umunuko w’ibisigarira ugabanuke kandi bakinge indwara zishobora kwaduka kuko hahiriye ibintu vyishi harimwo n’ibishobora gutera indwara abantu. Umuti bakoresha mu gupompa ukaba wica imigera y’indwara.

Dionisis Niyonizigiye, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya sida akaba yamenyesheje ko ivyo bikorwa vyo gupompa bidakingira abarengana iruhande y’isoko gusa, ariko ngo bakingira n’ abasanzwe baba canke bakorera hafi yaho, ndetse n’abazo tegura ico kibanza imbere yuko batangura ibikorwa vyo gusubiramwo isoko.

Umuryango utabara imbabare Croix Rouge ukaba wiyemeje kubandanya ukorana n’ubushikiranganji miri ico gikorwa. Abantu bagera kuri 60 akaba aribo bariko bakora ico gikorwa kandi ngo bazo bandanbya.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.